Publicidade

Tristeza

Por Bíblia Online

A tristeza faz parte da experiência humana, mas a Bíblia nos assegura que Deus está perto dos que sofrem. Ele enxuga as lágrimas e transforma a dor em esperança.

Deus consola os aflitos

O Senhor está perto dos quebrantados de coração. Mesmo no vale mais escuro, sua presença é refúgio e consolo para a alma que chora.

Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva;

abakiza amarushwa yabo yose.

Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse

kandi akiza abajanjaguritse imitima.

Uhoraho ni we ahumura impumyi,

Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi,

Uhoraho ni we akunda abagororotsi.

Ivyo nipfuza vyose biri imbere yawe, ewe Mana;

ukuniha kwanje ntuguhishijwe.

Hahiriwe abarira,

kuko ari bo bazohozwa.

riti: "Subira inyuma ubwire Hezekiya, umutware w’ubwoko bwanje uti, uku ni ko Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi avuze: Numvise ugusenga kwawe, kandi nabonye amarira yawe, none ngiye kugukiza. Inyuma y’imisi itatu uzoduga mu Ngoro yUhoraho.

A alegria virá

A dor tem prazo de validade. A manhã de alegria sempre vem depois da noite de choro. Deus promete transformar o luto em dança.

Kuko uburake bwiwe bumara akanya gato,

ariko ukugira neza kwiwe kugumaho ubuzima bwose;

ukurira kwomara ijoro ryose,

ariko mu gitondo hakaba impundu.

Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."

Ntibazoba bagisonza,

kandi ntibazoba bakinyoterwa.

Izuba ntirizosubira kubakira,

kandi nta bushuhe buzobica.

Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma

ari we azobabera umwungere,

azobaha ku mazi y’ubugingo.

Kandi Imana izobahanagura amosozi yose

ku maso yabo."

Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.

Entregando a dor a Deus

Podemos lançar sobre o Senhor toda nossa ansiedade e tristeza, porque Ele cuida de nós com ternura e não nos abandona.

Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.

Uhoraho wenyene azogendera imbere yanyu. Ntazobata, ntazobaheba. Ntutinye kandi ntucike intege."

Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.

O choro e o arrependimento

Há tristezas que produzem arrependimento e conduzem à vida. O choro diante de Deus é acolhido e transformado em bênção.

Nimujanjagure imitima yanyu

"Mbere n’ubu nyene," ni ko Uhoraho avuze,

"nimungarukeko n’umutima wanyu wose,

mwisonzesha, murira kandi mugandaye."

Umuvinyu urakamye

umusukoni urakabiranye;

amakomamanga, ibigazi n’amapome,

n’ibiti vyose vy’ivyamwa birumye.

Ni ukuri umunezero w’abantu

uraheze.

Yobu yumvise ivyo vyose aca arahaguruka yitabagurirako impuzu, yimosha umushatsi wose, yubama hasi asenga Uhoraho ati:

"Navuye mu nda ya mama ndi gusa,

kandi nzogenda ata co nambaye.

Uhoraho ni we yatanze kandi ni we yatwaye;

izina ryUhoraho rihimbazwe."

Imigani ya Salomo

Umwana w’ubwenge anezereza se,

ariko umwana w’igipfu ababaza nyina.

Kuko kugira ubwenge bwinshi bizanana n’umubabaro mwinshi;

kandi uko umuntu yongereza ubumenyi ni ko yongereza imibabaro.

Nuko rero, irinde kugira amaganya mu mutima wawe

ushire kure y’umubiri wawe ikibi cose,

kuko ubuto no kugira inkomezi ari ubusa.

Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-