Valioso
Cada ser humano é precioso aos olhos de Deus. As Escrituras revelam que fomos criados à imagem divina, resgatados por alto preço e chamados para um propósito eterno.
O valor que Deus nos dá
Nosso valor não vem de conquistas ou aparências, mas do fato de sermos amados pelo Criador. Deus cuida até dos passarinhos — quanto mais de nós!
Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. None rero, mweho ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
Namwe murazi neza ko umuntu afise agaciro karengeye ak’intama! Ni co gituma vyemewe gukora iciza ku musi w’Isabato."
Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?
Preciosos aos olhos de Deus
O Senhor declara que somos preciosos e valiosos aos seus olhos. Ele nos chama de propriedade exclusiva e nos reveste de glória.
Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;
kandi kubera ko nagukunze,
nzotanga abantu ku bwawe,
n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.
None rero nimwanyumvira mukaguma mw’isezerano ryanje, muzombera itunga rihambaye mu yandi mahanga yose, kuko isi yose ari iyanje.
"Haguruka ukayangane, kuko umuco wawe washitse,
kandi n’ubwiza bw’Uhoraho bukaba buri kuri wewe.
O verdadeiro valor
A Bíblia nos ensina que a fé, a integridade e o caráter são mais valiosos que ouro ou prata. O que tem valor eterno transcende o material.
Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.
Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe,
uze uvyambare mw’izosi,
uvyandike mu mutima wawe.
Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryiza
imbere y’Imana n’abantu.
Ururimi rw’umugororotsi ni ifeza yarobanuwe,
ariko umutima w’umunyakibi nta co umaze.
Umugore w’imico myiza yova hehe?
Asumba utubuye tw’agaciro.
Ariko mbona ko ubuzima bwanje atari ikintu c’agaciro kanini, ico nshaka ni kunonosora urugendo rwanje, no gusozera neza igikorwa Umwami Yesu yampaye co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.