A volta de Jesus
A volta de Jesus é uma das maiores promessas da Bíblia. Cristo prometeu que retornará em glória, e os cristãos vivem na expectativa desse dia triunfante.
A promessa do retorno
Jesus prometeu aos discípulos que voltaria. Os anjos confirmaram essa promessa na ascensão, e os apóstolos ensinaram que Ele virá com poder.
Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira. Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.
Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.
Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. Barababaza bati: "Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda."
Uwushingira intahe ibi aravuga ati: "Egome, ndaza vuba."
Amen. Kaze, Mwami Yesu.
"Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.
Os sinais e o momento
Ninguém sabe o dia nem a hora. Jesus alertou sobre falsos sinais e nos chamou à vigilância constante, pois Ele virá como ladrão na noite.
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene. Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu. Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato. Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira.
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
Bene Data, ku vyerekeye imisi n’ibihe ivyo bizoshikirako, ntitwari dukwiye no kurinda kubibandikira, kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro. Igihe abantu bazoba bavuga bati: "Ni amahoro, nta nkomanzi," ni ho ugutikizwa kuzobashikako giturumbuka, kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi nta wuzorokoka.
Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako. Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
Bene Data, ku vyerekeye ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we, turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe, vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete, bibabwira ko umusi w’Umwami wacu wamaze gushika. Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka. Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.
A glória da segunda vinda
Cristo voltará nas nuvens, com poder e grande glória. Os mortos em Cristo ressuscitarão, e os vivos serão arrebatados para encontrá-lo nos ares.
Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.
Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi buhambaye n’ubwiza bwinshi. Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpande zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.
Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji. Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse. Amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro kandi yari afise ingori nyinshi ku mutwe. Yari afise izina rimwanditseko kandi nta n’umwe ashobora kuritahura atari we nyene. Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana. Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana. Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. "Azoganzisha amahanga umukazo." Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato. Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo:
Umwami w’abami, Uwuganza abatware.
Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.
Vivendo na expectativa
A certeza do retorno de Cristo nos chama a viver em santidade, aguardando novos céus e nova terra onde habita a justiça.
Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe. Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.
None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro. Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.
Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza, ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.