Imana ni umuco
5 Ubu ni bwo butumwa twumvanye Yesu Kristo kandi ni na bwo tubabwira: Imana ni umuco, muri yo nta mwijima uhaba na gato. 6 Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri. 7 Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.