Ntimugakunde isi
15 Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we. 16 Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.