16 Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.
Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we. 17 Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho. 18 Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.