22 Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose. 23 Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho. 24 Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo:
"Abantu bose bameze nk’ivyatsi;
kandi ubwiza bwabo bwose
bumeze nk’amashurwe yo ku misozi;
ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,
25 ariko ijambo ry’Uhoraho
ryo rihoraho ibihe vyose."1:25 Yesaya 40:6-8
Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.