Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Pedro 3

Abagore n’abagabo

1 Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa, 2 babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu. 3 Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini. 4 Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana. 5 Ni muri ubwo buryo abagore bera ba kera bashaza. Bashize ivyizigiro vyabo mu Mana hanyuma bubaha abagabo babo. 6 Akarorero ni Sara, yumvira umugabo wiwe, Aburahamu, akamwita umwami wiwe. Namwe muba mubaye abakobwa b’uwo igihe mukoze ibibereye mudatinya.

Veja também