20 yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru, 21 hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.