19 Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. 20 Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka. 21 Muri we turafatanijwe neza kugira ngo tube urusengero rwejejwe rw’Umwami Imana. 22 Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube Ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.