25 Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe. 26 "Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,"4:26 Zaburi 4:4 kandi izuba ntirirenge mugishavuye, 27 kuko ishavu riha akaryo wa mubi. 28 Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.
29 Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva. 30 Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa. 31 Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. 32 Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.