22 Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu. 23 Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo. 24 Nuko rero nk’uko ishengero ryubaha Kristo, ni ko n’abagore bakwiye kwubaha abagabo babo muri vyose.
25 Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura 26 ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana. 27 Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo. 28 Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. 29 Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero, 30 kuko turi ingingo z’umubiri wiwe. 31 "Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze babe umubiri umwe." 32 Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero. 33 Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.