Pular para o conteúdo
Publicidade

Galatiya 2

Pawulo ahaririza Petero

11 Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha. 12 Agishika, yasangira n’Abanyamahanga, batari barakebwe. Ariko abantu barungitswe na Yakobo bashitse, aca atangura kwigira kure kubera gutinya abo bo mu mugwi w’abakebwe. 13 Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.

14 Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: "Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também