3 Ahubwo ivyo bimazi vyama bibibutsa ivyaha vyabo uko umwaka utashe. 4 Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.
5 Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati:
"Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse,
ariko wanteguriye umubiri;
6 amashikanwa aturiwe n’amashikanwa y’ivyaha
ntivyaguhimbaye.
7 Nanje ndavuga nti: ‘Ndi hano,
nje gukora ivyo ugomba, Mana,
nk’uko umuzingo w’igitabu umvugako.’10:7 Zaburi 40:6-8"
8 Ubwa mbere Kristo yavuze ati: "Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose." 9 Ni ho yavuga ati: "Ehe, nje gukora ivyo ugomba." Vyumvikana ko yakuyeho isezerano rya mbere, akarisubiriza irya kabiri. 10 Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.