19 Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: "Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze."12:19 Gusubiramwo 32:35 20 Ikigeretseko:
"Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira;
niyanyoterwa umuhe ico kunywa.
Niwakora uko,
uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe."12:20 Imigani 25:21,22
21 Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.