Pular para o conteúdo
Publicidade

Roma 5

16 Ibiva mu ngabire y’ubuntu bw’Imana biratandukanye cane n’ivyavuye mu gicumuro c’umuntu umwe kuko inyuma y’icaha ca Adamu hakurikiye gutsindwa n’urubanza, ariko ingabire y’ubuntu bw’Imana yatumye twemerwa na yo naho dufise ivyaha vyinshi bitwagira. 17 Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também