2 Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko. 3 Bishitse akarongorwa n’uwundi mugabo kandi uwa mbere akiriho, bamwita umusambanyikazi. Ariko iyo umugabo wiwe wa mbere apfuye, amategeko ntaba akimubuza kurongorwa n’uwundi mugabo, kandi iyo abikoze ntaba asambanye.