Amageragezwa n’amarushwa
2 Bene Data, munezerwe cane, igihe cose muhuye n’ibibagerageza vy’uburyo bwinshi, 3 kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura. 4 Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.