Publicidade

Tiago 1

5 Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa. 6 Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga. 7 Umeze atyo ntiyitege ko hariho ico azoronka kivuye ku Mwami Imana; 8 kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-