11 Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo. 12 Imana yonyene ni yo yatanze ivyagezwe kandi ni yo ibicira urubanza. Ni yo yonyene ishobora gukiza no guhonya. Ariko wewe uri nde aho ucira urubanza mugenzawe?