Pular para o conteúdo
Publicidade

10 Milagres de Jesus na Bíblia: Lista com versículos e explicação

Por Bíblia Online

Os milagres de Jesus são muito mais do que demonstrações de poder sobrenatural; eles são sinais que confirmam sua divindade e missão. Ao longo dos Evangelhos, vemos Cristo curando enfermos, dominando a natureza e vencendo a morte.

Neste guia, selecionamos 10 milagres de Jesus na Bíblia, organizados com referências e uma breve explicação sobre o impacto espiritual de cada um deles.

Os principais milagres de Jesus nos Evangelhos

1. Transformação da Água em Vinho

  • Referência: João 2:1-11

  • Explicação: Ocorreu nas Bodas de Caná. Sendo o seu primeiro milagre público, Jesus demonstrou autoridade sobre a matéria e a natureza, revelando sua glória aos discípulos e abençoando a instituição da família.

Yesu ahindura amazi umuvinyu

Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari. Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe. Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: "Nta muvinyu basigaranye."

Yesu aramwishura ati: "Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika."

Ariko Mariya abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore."

Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kwuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.

Yesu abwira abakozi ati: "Nimwuzuze izo mpange amazi." Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.

Maze arababwira ati: "Nimudaheko mushire umuteretsi."

Na bo babikora nk’uko ababwiye. Nuko wa muteretsi yumvirije ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi uko vyagenze, ariko abakozi bayadashe bo bari babizi, aca ahamagara umukwe, amubwira ati: "Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!"

Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.

2. Cura do cego de nascença

  • Referência: João 9:1-12

  • Explicação: Jesus usa lodo para curar um homem que nunca havia enxergado. Este milagre prova que Ele é a Luz do Mundo e tem poder para restaurar o que nasceu com defeito.

Yesu akiza umuntu yavutse ari impumyi

Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi. Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?"

Yesu arabishura ati: "Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we. Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora. Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi."

Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu. Aramubwira ati: "Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu" (Silowamu bisigura Uwatumwe). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabazanya bati: "Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?" Bamwe baravuga bati: "Ni we."

Ariko abandi bakavuga bati: "Oya, ni uwo basa."

Ariko wa muntu arababwira ati: "Ni jewe!"

Baramubaza bati: "None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?"

Arabishura ati: "Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu. Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona."

Baramubaza bati: "None uwo muntu ari he?"

Arababwira ati: "Sindahazi."

3. Multiplicação dos pães e peixes

  • Referência: Mateus 14:13-21

  • Explicação: Com apenas cinco pães e dois peixes, Jesus alimentou mais de 5 mil homens. Este sinal revela Cristo como o Pão da Vida, aquele que supre todas as nossas necessidades.

Yesu ahaza abantu ibihumbi bitanu

Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamaze kumenya iyo yagiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira. Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera akagongwe, aca abakiriza abagwaye.

Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: "Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya."

Yesu arabishura ati: "Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira."

Baramwishura bati: "Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa."

Arababwira ati: "Nimubinzanire." Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye. Abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.

4. Jesus acalma a tempestade

  • Referência: Marcos 4:35-41

  • Explicação: Com uma ordem, o vento e o mar se aquietam. O milagre ensina sobre a paz que excede o entendimento e a autoridade do Messias sobre a criação.

Yesu ahagarika igihuhusi mu kiyaga

Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga." Nuko basiga aho rya sinzi ry’abantu, baja mu bwato Yesu yari yicayemwo, bajana na we. Kandi hari n’ubundi bwato bwajanye n’ubwabo. Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi. Yesu we yari aryamye inyuma mu bwato, yiseguye yisinziririye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: "Mwigisha, nta co bikubwiye ko tugira twicwe n’amazi?"

Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: "Hora, tekereza!" Wa muyaga uca urahagarara, haba agahwekere.

Aca abwira abigishwa biwe ati: "Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?"

Ba bigishwa baratinya cane, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

5. Cura da mulher com fluxo de sangue

  • Referência: Marcos 5:25-34

  • Explicação: Uma cura que aconteceu pelo toque da fé. Jesus mostra que está atento ao sofrimento individual e que a fé é o canal para receber o milagre.

Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso. Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?"

Abigishwa biwe baramwishura bati: "Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: Ni nde ankozeko?"

Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."

6. Libertação do endemoninhado Gadareno

  • Referência: Marcos 5:1-20

  • Explicação: Jesus liberta um homem dominado por uma legião de espíritos. É a prova clara de sua autoridade absoluta sobre o reino das trevas.

Yesu akiza umuntu arimwo impwemu mbi

Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene. Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu mbi aza guhura na we avuye mu mva. Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo. Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza. Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.

Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe. Arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!" Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuyibwira ati: "Wa mpwemu mbi we, muvemwo!"

Yesu arayibaza ati: "Witwa nde?"

Na yo iramwishura iti: "Nitwa Gitero, kuko turi benshi." Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.

Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo." Nuko Yesu arazemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.

Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni benshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba. Ababonye uko vyagenze baca babiganira ivyabaye kuri wa muntu yari aboshwe n’abadayimoni no kuri za ngurube. Maze abo bantu binginga Yesu ngo abavire mu ntara.

Yesu ariko arurira mu bwato, wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni aramwinginga ngo bajane. Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: "Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi." Wa muntu aca arataha ageze i Dekapolisi, atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.

7. Ressurreição da filha de Jairo

  • Referência: Marcos 5:21-43

  • Explicação: Jesus demonstra que a morte para Ele é como o sono. Ele restaura a vida de uma criança, trazendo esperança para uma família desesperada.

Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye

Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari. Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe, aramutakambira ati: "Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima." Nuko Yesu ajana na we.

Kandi hari abantu benshi bari bamukurikiye, bamubanda. Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso. Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?"

Abigishwa biwe baramwishura bati: "Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: Ni nde ankozeko?"

Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."

Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, bamubwira bati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?"

Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, wizere gusa."

Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga. Nuko arinjira, ababwira ati: "Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." Ba bantu baramutwenga.

Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. Amufata ukuboko amubwira ati: "Talita kumi!" bisigura ngo: "Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!" Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane. Maze Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.

8. Jesus anda sobre as águas

  • Referência: Mateus 14:22-33

  • Explicação: Ao caminhar sobre o Mar da Galileia, Jesus mostra que não está sujeito às leis da física. O episódio também serve para tratar a fé e a dúvida no coração de Pedro.

Yesu agendagenda ku mazi

Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu. Amaze gusezera abantu, aca aduga umusozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene. Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, ubwato buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.

Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendera ku mazi. Abigishwa biwe bamubonye agendagenda ku mazi, bagira ubwoba bwinshi, barataka bavuga bati: "Ni umuzimu."

Ariko Yesu arababwira ati: "Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba."

Petero aca avuga ati: "Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi."

Yesu aca amubwira ati: "Ingo."

Petero ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari. Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: "Mwami, ntabara!"

Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: "Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?"

Maze baca batambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara. Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: "Ni ukuri uri Umwana w’Imana."

9. Cura do paralítico

  • Referência: Marcos 2:1-12

  • Explicação: Jesus cura o corpo, mas primeiro perdoa os pecados. Este milagre estabelece que sua missão principal é a reconciliação espiritual do homem com Deus.

Yesu akiza umuntu akongataye

Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira. Abantu benshi bakoranira aho hantu haruzura ku buryo n’imbere y’umuryango ata kibanza cari kihasigaye. Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye. Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Baca basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: "Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."

Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati: "Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? Mbega icoroshe ni uko nobwira uwu muntu amugaye nti: Ivyaha vyawe urabihariwe,canke ni uko novuga nti: Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende? Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko aca abwira uwo muntu ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." Wa muntu aca arahaguruka, aterura inderuzo yiwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: "Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!"

10. Ressurreição de Lázaro

  • Referência: João 11:1-44

  • Explicação: O milagre mais impactante antes da crucificação. Ao ressuscitar alguém morto há quatro dias, Jesus declara: "Eu sou a ressurreição e a vida".

Urupfu rwa Lazaro

Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari agwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo. (Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari agwaye.) Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: "Mwami, umwe ukunda aragwaye."

Yesu avyumvise, aravuga ati: "Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo." Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro. Ariko inyuma yo kwumva ko Lazaro agwaye, yamaze aho yari ari iyindi misi ibiri. Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: "Ingo dusubire i Yudaya."

Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?"

Yesu arabishura ati: "Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si. Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari."

Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: "Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura."

Abigishwa baramwishura bati: "Mwami nimba asinziriye, azokira." Yesu yashaka kuvuga ko Lazaro yapfuye, ariko bo bibaza ko ari ugusinzira gusanzwe.

Nuko aca arabitomora ati: "Lazaro yapfuye, kandi ndanezerewe ku bwanyu kubona atari yo nari ndi, kuko muraja kunyizera. Nimuze tuje kumuraba."

Toma (uwari azwi ko ari Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: "Reka tugende natwe dupfane na Yesu."

Yesu ni ukuzuka n’ubugingo

Yesu ashitse i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine ari mu mva. Betaniya hari hafi y’i Yerusalemu, nko kuri sitadiyo cumi na zitanu. Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo. Marita yumvise ko Yesu aje, arasohoka aja kumusanganira, ariko Mariya aguma i muhira.

Maze Marita abwira Yesu ati: "Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye. Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha."

Yesu aramubwira ati: "Musazawe ategerezwa kuzuka."

Marita aramwishura ati: "Ndazi ko azozuka ku musi wa nyuma."

Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"

Marita aramwishura ati: "Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi."

Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihererana, amubwira ati: "Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona." Mariya avyumvise aca arahaguruka ubwo nyene aja iyo Yesu ari. Yesu ntiyari bwinjire mu mihana, yari akiri aho bahuriye na Marita. Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuremesha babonye ahagurutse yihuta agaca asohoka, baramukurikira, kuko bibaza ko yoba agiye ku mva kuririrayo.

Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: "Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye."

Yesu abonye amarira ya Mariya n’ayAbayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane. Arababaza ati: "Mwamuhamvye he?"

Baramwishura bati: "Mwami ingo wirabire."

Yesu aca ararira.

Abayuda bari aho baravuga bati: "Ehe ingene yamukunda!"

Ariko bamwe baravuga bati: "None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?"

Yesu azura Lazaro

Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini. Yesu arababwira ati: "Nimukureho ico kibuye."

Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: "Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!"

Yesu aramubwira ati: "Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?"

Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aca avuga ati: "Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga. Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye."

Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: "Lazaro, sohoka!" Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara.

Yesu arababwira ati: "Nimumubohore, mumureke agende."

Conclusão

Os milagres de Jesus revelam sua autoridade sobre a natureza, as enfermidades, o mundo espiritual e até a morte. Eles não são apenas demonstrações de poder, mas sinais que apontam para sua identidade e missão.

Ao estudar esses milagres, é possível compreender melhor o papel de Jesus e a mensagem central do Evangelho.

Se este conteúdo ajudou você a entender os milagres de Jesus na Bíblia, compartilhe este artigo para que mais pessoas também conheçam esses ensinamentos.

Edineia Fernandes
1 pessoa deu Amém