Pular para o conteúdo
Publicidade

A fé vem pelo ouvir

Por Bíblia Online

A fé vem pelo ouvir, e o ouvir pela Palavra de Cristo. Quando a Palavra é proclamada, a fé nasce nos corações. Ouvir a Deus é o primeiro passo para crer e seguir.

A fé vem pelo ouvir

A fé vem pelo ouvir, e o ouvir pela Palavra de Cristo. Quem ouve a Palavra crê e obtém a salvação eterna.

Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese. Kuko "Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa."

None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye? Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!"

Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: "Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?" Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.

Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?

Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera. Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.

Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.

Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. Abavugishwa n’Imana banditse bati: Bose bazokwigishwa n’Imana. Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi. Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data. Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.

Ouvir e obedecer

Felizes os que ouvem a Palavra de Deus e a praticam. Quem tem ouvidos ouça o que o Espírito diz.

Yesu aramwishura ati: "Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro."

Uwufise amatwi yumva, niyumve!"

Arababwira ati: "Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.

Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati:

Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura;

kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.

Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye;

amatwi yabo ntashobora kwumva,

kandi amaso yabo barayahumiriza.

Ahandi ho bobonesheje amaso yabo,

bakumvisha amatwi yabo,

bagatahurisha imitima yabo,

maze bagahindukira nanje nkabakiza.

Ariko hahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva.

Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: "Nimwumvirize kandi mutahure:

Nimutege amatwi, muze aho ndi,

mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho.

Nzogirana namwe isezerano ry’intahava,

ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.

Na we aca ambwira ati: "Genda umbwirire barya bantu uti:

Muze mwame mwumva ariko ntimuze mwigere mutahura.

Muze mwame muraba ariko ntimuze mwigere mubona.

Genda ukomantaze imitima y’abo bantu,

amatwi yabo uyazivye,

amaso yabo uyahumye.

Kugira ngo ntibashobore kubonesha amaso yabo,

no kwumvisha amatwi yabo,

canke ngo batahurishe imitima yabo,

bagahava bahindukira, nanje nkabakiza."

Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.

Seja o primeiro