Pular para o conteúdo
Publicidade

Adoração

Por Bíblia Online

A adoração é a resposta do coração humano à majestade de Deus. Deus é Espírito e importa que os que o adoram o adorem em espírito e em verdade — com todo o ser.

Adorar em espírito

Deus é Espírito e importa que os adoradores o adorem em espírito e em verdade. A adoração verdadeira brota do coração.

Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."

Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera. Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."

Yesu aramwishura ati: "Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uriya musozi canke i Yerusalemu. Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda. Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.

Wa muntu aravuga ati: "Mwami, ndizeye." Nuko aca aramwunamira.

Yesu aramwishura ati: "Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera."

Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!"

Ibimazi bifise ubugingo

None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.

Ibimazi bifise ubugingo

None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara. Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo

kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro.

Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.

Ivyanditswe Vyera bivuga biti:

" Ndahiye ukubaho kwanje, ni ko Uhoraho avuze,

amavi yose azompfukamira;

n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ "

Louvor e reverência

Vinde, adoremos e prostremo-nos. Louvai ao Senhor! Todo ser que respira louve o nome glorioso do Senhor.

Nimuze, tumwunamire tumusenge,

dupfukame imbere yUhoraho Umuremyi wacu;

Nimuze, tumwunamire tumusenge,

dupfukame imbere yUhoraho Umuremyi wacu;

Haleluya.

Nimuhimbarize Imana ahera hayo;

muyihimbarize no mu majuru yayo yuzuye inkomezi.

Nimuyihimbarize ivy’inkomezi yakoze;

muyimbarize ubukuru bwayo buhambaye.

Nimuyihimbarishe ijwi rirengera ry’inzamba,

muyishimishe inanga n’ikembe,

muyihimbarishe umurisho w’ingoma n’imvyino,

muyihimbarishe imirya y’inanga n’umwironge,

muyihimbaze muvuza ivyuma bisamirana.

Muyihimbarishe ijwi rirengera ry’ivyuma bisamirana.

Ibihumeka vyose nibihimbaze Uhoraho.

Haleluya.

Ibihumeka vyose nibihimbaze Uhoraho.

Haleluya.

Mwinjire mu marembo y’Ingoro yiwe mushima,

mu birimba vyiwe muhimbaza;

mumushime kandi muhimbaze izina ryiwe.

Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;

musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Imana impundu!

Muririmbe muhayagiza ubwiza bw’izina ryiwe;

mumuririmbire ishimwe.

Mubwire Imana muti: "Ese ukuntu ibikorwa vyawe biteye ubwoba!

Ubushobozi bwawe ni bwinshi

butuma abansi bawe bakwunamira.

Isi yose irakwunamira;

bakuririmbira ishimwe,

bahimbaza izina ryawe."

Narayitakambiye n’akanwa kanje;

ishimwe ryayo ryari ku rurimi rwanje.

Amahanga yose waremye

azoza akwikubite imbere, ewe Mana;

bazoshima izina ryawe.

Kuko uhambaye kandi ukora ibihambaye;

ni wewe wenyene uri Imana.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho;

namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.

Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;

mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.

Mana, ni wewe Mana yanje,

ndakuronderana umwete;

ndakunyotewe,

ibiri muri jewe vyose birakwipfuza,

ndi mu gihugu cumye kigadutse

kitagira amazi.

Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,

iminwa yanje izogushima.

Nzogutazira nkiriho,

nzotarika amaboko yawe mw’izina ryawe.

Declarações de adoração

Tu és digno, Senhor, de receber glória e honra! Ao Senhor pertence a grandeza, o poder, a glória e a majestade.

"Urabereye, Mwami Imana yacu,

kwakira icubahiro n’ububasha

kuko ari wewe waremye vyose,

ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho,

biraremwa."

Avuga n’ijwi rirenga ati: "Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi."

Ni nde atazogutinya ga Mwami,

ngo aheshe icubahiro izina ryawe?

Ni wewe wenyene wera.

Amahanga yose azoza,

apfukame imbere yawe agusenge,

kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye."

Jewe Yohana, ni jewe niyumviye aya majambo, nibonera n’ivyo vyose. Maze kuvyiyumvira no kuvyibonera, nca nikubita imbere ya wa mumarayika nubamye ngo ndamusenge. Ariko arambarira ati: "Reka! Ntukansenge kuko nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So b’abavugishwa, ndetse n’abo bose bumvira amajambo ari muri uwu muzingo w’igitabu. Usenge Imana yonyene!"

Ubukuru n’ububasha ni ivyawe

n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro,

kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe.

Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho;

ushizwe hejuru nk’uganza vyose.

Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;

kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

Nimutakambe muti: "Dukize, yewe Mana y’agakiza kacu;

twegeranye udukure mu mahanga,

kugira ngo dushime izina ryawe ryera,

twongere tuguhimbaze."

Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ahimbazwe

Uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.

Maze abantu bose baritabira bati: "Amen"; bongerako bati: "Dutazire Uhoraho."

Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;

kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

Nimumuririmbire, mumuhimbaze;

muvuge ibikorwa vyiwe bihambaye.

Ni co catumye Imana imushira hejuru cane,

imuha izina rirengeye ayandi mazina yose

kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame,

ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ayivy’i kuzimu,

kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,

kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.

Sacrifício de louvor

Por meio de Jesus ofereçamos sempre sacrifício de louvor. Cantai ao Senhor, celebrai em salmos — enchei-vos do Espírito.

Nuko rero muze twame duha Imana ikimazi c’ishimwe duciye muri Yesu, ni co camwa c’iminwa yacu yatura izina ryiwe.

Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe. Kuko "Imana yacu ni umuriro utongora."

mubwirane amazaburi n’indirimbo zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.

Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.

Pawulo ashima Imana

Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.

Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.

Adoração como vida

Exaltai ao Senhor, prostrai-vos ante o escabelo dos seus pés. A adoração genuína transforma o adorador e agrada o Criador.

Nimushire hejuru Uhoraho Imana yacu

mumwunamire ku ndava y’ibirenge vyiwe;

ni uwera.

Akanwa kanje kuzuye ishimwe ryawe,

kavuga ubwiza bwawe bukarinda bwira.

Nimuririmbire Imana, nimuririmbe mushima izina ryiwe,

mutegure inzira y’uwugendera ku bicu;

nimunezererwe imbere yiwe; izina ryiwe yitwa Uhoraho.

Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,

ni Imana iba ahera hayo.

Nzoha ishimwe Uhoraho ku bw’ukugororoka kwiwe,

nzotazira izina ryUhoraho Musumbavyose.

Nzokwamamaza izina ryawe mu bavukanyi banje;

nzoguhimbaza ikoraniro rikoranye.

Yemwe abubaha Uhoraho, nimumushime!

Yemwe aba Yakobo mwese, nimumuhe icubahiro!

Nimumwubahe mwese, yemwe bene Isirayeli!

Ndakugaranzurira amaboko;

ndakunyotewe nk’uko isi igadutse inyotererwa amazi.

Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?

Ni igiki gitumye umpagararamwo?

Niwizigire Imana,

kuko nzosubira kuyihimbaza,

yo mukiza wanje n’Imana yanje.

Ndabwira Uhoraho nti: "Uri Umwami wanje;

nta ciza mfise atari wewe."

Mukorere Uhoraho muhinda agashitsi,

munezerererwe ibikorwa vyiwe muhinda agashitsi.

Nzonezerwa mpimbarirwe muri wewe;

nzoririmba amatazirano y’izina ryawe, ewe Iyisumbavyose.

Falsa adoração

Não terás outros deuses diante de mim. Não adorarás ídolos. A adoração exclusiva ao Senhor é mandamento inegociável.

Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka.

Ntihaze hagire iyindi mana musenga, kuko jewe Uhoraho, nitwa Imana itabangikanywa, ndi Imana ipfuha.

Mose yinjiye muri iryo Hema, inkingi y’igicu yaca yururuka igahagarara mu rwinjiriro rwaryo mu gihe Uhoraho yaba ariko aravugana na Mose. Igihe cose abantu babona ico gicu cururutse kigahagarara ku rwinjiriro rw’Ihema, baca bahaguruka bagasenga, umwe wese agahagarara mu muryango w’ihema ryiwe.

Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje,

yambereye agakiza.

Ni we Mana yanje, nanje nzomuhimbaza.

Ni yo Mana ya ba sogokuruza, nanje nzoyishira hejuru.

Mbega ni iyihe Mana yindi

ihwanye nawe, ewe Uhoraho?

Ni nde asa nawe? Uri uwera,

ubwiza bwawe buratangaje.

Uri uwera cane,

ukora ibitangaza.

Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara.

Ni yo Mana yanyu, ni yo yonyene ikwiye gushimwa, iyakoze ibitangaza biteye ubwoba nk’ivyo mwiboneye n’amaso yanyu.

Aho hantu, muri kumwe n’imiryango yanyu kandi muri imbere yUhoraho, aze abe ari ho muzohora murira mwongera munezerererwa ibintu vyose mwaronse kubera Uhoraho Imana yanyu yabahezagiye.

Bayiteye kubagirira ishari mu gusenga imana z’inyamahanga

bayirakisha ibizira bakoze.

Bashikaniye ibimazi abadayimoni atari Imana,

bashikanira imana batari bwigere babona,

imana nshasha z’ivyaduka,

izo ba sekuruza batigeze batinya.

Mwagararije ca Gitandara cabavyaye,

mwibagira Imana yabavyaye.

Ariko rero mwirinde, mwoye guhendwa mu mitima yanyu ngo muve kUhoraho Imana yanyu, mukorere izindi mana mwongere muzisenge.

Imana ivuze ati:

"Aba bantu baza aho ndi,

banyubahisha iminwa yabo,

ariko imitima yabo iri kure yanje.

Ugusenga kwabo nta kindi kurimwo,

atari ivyo bigishijwe n’amategeko y’abana b’abantu.

Ishimwe ni iry’Uhoraho

Yewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje;

nzogushira hejuru nongere ntazire izina ryawe,

kuko mu bwizigirwa butagira agasembwa

wakoze ibitangaza,

ivyo wari warateguye kuva kera.

Maze Imana ica irabareka ngo basenge izuba, ukwezi n’inyenyeri. Kandi ivyo bihuye n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana, bivuga ngo:

Mbega ibimazi n’amashikanwa mwatanze mu bugaragwa,

muri irya myaka mirongo ine,

ni jewe mwabishikaniye ga yemwe Bisirayeli?

Oya, mwari mwitwaje ihema rya Moleki,

n’ikimenyetso c’inyenyeri c’ikigirwamana canyu Refani,

ibishushanyo mwicuriye ngo mubisenge.

Ni co gituma nzobirukana mukaja kure hirya y’i Babiloni.

Ntihagire umuntu n’umwe abacira urubanza kubera inyungu mbi yishimikije uguca bugufi kutari kwo no gusenga abamarayika. Yihayagiza ko ivyo ari ivyo yeretswe. Ubwenge bwabo bwuzuye ivyaha butuma bishira hejuru ku vy’ubusa gusa. Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.

Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka. Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.

Exemplos de adoração

Jó adorou em meio ao sofrimento. Esdras adorou na restauração. Paulo e Silas adoraram na prisão — e Deus respondeu.

Yobu yumvise ivyo vyose aca arahaguruka yitabagurirako impuzu, yimosha umushatsi wose, yubama hasi asenga Uhoraho ati:

"Navuye mu nda ya mama ndi gusa,

kandi nzogenda ata co nambaye.

Uhoraho ni we yatanze kandi ni we yatwaye;

izina ryUhoraho rihimbazwe."

Baririmbira Uhoraho indirimbo zo gutazira no gushima bati:

"Ni mwiza;

urukundo akunda Abisirayeli rwamaho ibihe bidashira."

Maze abantu bose barasemerera cane bahimbaza Uhoraho, kuko itanguriro ry’Ingoro yUhoraho ryari rimaze kwubakwa.

Ubu rero, jewe Nebukadineza, ndahimbaza kandi ngaha icubahiro nongera nshima Umwami wo mw’ijuru. Kuko ibikorwa vyiwe ni ivy’ukuri kandi biragororotse, ashobora no gucisha bugufi abibone bose.

Mbega ukuntu uhambaye, ga yewe Uhoraho Nyeninganji! Nta n’umwe asa nawe, kandi nta yindi Mana atari wewe, nk’uko twavyiyumviye n’amatwi yacu.

Nta wera nkUhoraho;

nta wundi yoboneka i ruhande yawe;

nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.

Kandi Abalewi ari bo Yesuwa, Kadimiyeli, Bani, Hashabuneya, Sherebiya, Hodiya, Shebaniya na Petahiya, baravuga bati: "Nimuhaguruke muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, yamyeho kandi izokwamaho." Barasenga bati:

"Izina ryawe ry’icubahiro riragahezagirwa, kandi rishirwe hejuru y’imihezagiro yose no guhimbazwa kwose.

Naho umusukoni wanje utoshurika,

inzabibu zanje ntizame,

naho umwimbu wa elayo worumba

imirima ntigire ico yera,

naho intama zohera mu rugo,

umukuku ugahera mu ruhongore,

nzonezererwa Uhoraho,

nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.

Maze, muzonyambaza muze munsenge, nanje nzobumva.

Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Seja o primeiro