Pular para o conteúdo
Publicidade

Apocalipse 15

Abamarayika indwi n’ivyago indwi

1 Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana. 2 Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana, 3 baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iyUmwagazi w’intama, bavuga bati:

"Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje,

Mwami, Imana Mushoboravyose.

Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri,

Mwami w’amahanga.

4 Ni nde atazogutinya ga Mwami,

ngo aheshe icubahiro izina ryawe?

Ni wewe wenyene wera.

Amahanga yose azoza,

apfukame imbere yawe agusenge,

kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye."

5 Hanyuma y’ivyo nca mbona mw’ijuru urusengero rurimwo ihema ry’isezerano rwuguruye. 6 Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu. 7 Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho. 8 Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.

Veja também