Pular para o conteúdo
Publicidade

Agradecimento pela família

Por Bíblia Online

Agradecer pela família é reconhecer a bênção mais preciosa que Deus nos concede. Os filhos são herança do Senhor — cada membro da família é presente divino a ser celebrado.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizi

ni ko n’abana bo mu buto bamera.

Hahiriwe umuntu

yujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.

Ntibazomaramara

nibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho;

namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho,

ntiwibagire ivyiza yagukoreye vyose;

Ntituzobinyegeza abana bacu;

tuzobibwira abo mu runganwe ruzoza.

Ivyo Uhoraho yakoze bibereye gushimwa,

inkomezi ziwe, n’ibitangaza yakoze.

Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,

kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.

Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye.

Amasengesho Pawulo asengera ab’i Filipi

Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.

Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?

Nimwemere Uhoraho, yemwe miryango yose yo mu mahanga,

mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.

Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.

Ibinengesereye muri we, ni vyo twese twaronseko; ni ubuntu bugeretse ku bundi.

Abagore babwira Nawomi bati: "Uhoraho ahimbazwe, atakuretse ngo ubure uwo kugucungura uwu musi. Izina ry’uwu mwana rize ribe rurangiranwa muri Isirayeli! Azotuma ubuzima bwawe butotahara kandi agushigikire ugeze mu zabukuru. Kuko umukazana wawe, umwe agukunda kandi akurutira abahungu indwi, ari we yamuvyaye."

Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazira

nk’uko ndiko ndabikora uwu musi.

Abavyeyi biganira abana babo

ivy’ubwizigirwa bwawe.

Seja o primeiro