Agradecimento
O agradecimento é a linguagem natural do cristão. Em tudo dai graças! A gratidão a Deus transforma a perspectiva, fortalece a fé e produz alegria em todos os tempos.
Dar graças sempre
Em tudo dai graças, porque esta é a vontade de Deus em Cristo Jesus para convosco. A gratidão é atitude fundamental.
Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari vyo Imana ibashakako mwebwe abari muri Kristo Yesu.
mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima. Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu. Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu. Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
Mushishikare gusenga, mube maso kandi mushima.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.
Louvor e gratidão
Entrai pelas portas com ação de graças. Rendei graças ao Senhor porque Ele é bom e a sua bondade dura para sempre.
Mwinjire mu marembo y’Ingoro yiwe mushima,
mu birimba vyiwe muhimbaza;
mumushime kandi muhimbaze izina ryiwe.
Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza;
urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
Tuze mu nyonga hiwe tumushima
tumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.
Kuko Uhoraho ari Imana ihambaye,
ni Umwami ahambaye asumba ibigirwamana vyose.
Ni vyiza guhimbaza Uhoraho
no gucurarangira izina ryawe, ewe Iyisumbavyose,
kwamamaza urukundo rwawe mu gitondo
n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,
Abanshikanira ibimazi vy’ishimwe baba bampesheje icubahiro,
kandi abagendera mu bugororotsi nzobereka agakiza kanje."
Uri Imana yanje, nanje nzoguhimbaza;
uri Imana yanje, nanje nzogushira hejuru.
Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
None rero, Mana yacu, turagukengurukiye,
kandi duhimbaje izina ryawe ry’ubwiza.
Expressões de gratidão
Graças a Deus pelo seu dom inefável! A gratidão se expressa em oração, louvor e generosidade para com os outros.
Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!
Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.
Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.
Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.
Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje, ndabicishije kuri Yesu Kristo ku bwa mwebwe mwese, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.
Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima.
Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo
kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro.
Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.
"Uhoraho aguhezagire
kandi akuzigame;
Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe
kandi akugirire ubuntu;
Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe
kandi aguhe amahoro." ’
Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi
nshize hejuru ijwi ryo kugushimira.
Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,
kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho."
Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.
Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenze ijoro n’umutaga.
sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.
Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.
Muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima.
Ababonye, arababwira ati: "Nimugende, mwiyereke abaherezi." Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
Umwe muri bo abonye ko akize, aca asubira inyuma aja iyo Yesu ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
Yesu arabaza ati: "Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he? Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?" Aca aramubwira ati: "Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije."
Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe. Barasemerera bati: "Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!"
Ababonye, arababwira ati: "Nimugende, mwiyereke abaherezi." Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
Umwe muri bo abonye ko akize, aca asubira inyuma aja iyo Yesu ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
Yesu arabaza ati: "Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he? Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?" Aca aramubwira ati: "Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije."
Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.