Pular para o conteúdo
Publicidade

Amigo

Por Bíblia Online

O amigo verdadeiro é dádiva rara de Deus. Ele ama em todo tempo, fala a verdade em amor, aconselha com sabedoria e permanece fiel nas adversidades da vida.

Amizade verdadeira

Há amigo mais chegado que um irmão. Em todo tempo ama o amigo. O perfume e o incenso alegram o coração — assim o conselho doce do amigo.

Uwufise abagenzi benshi bashobora kumusenyura,

ariko umugenzi w’ukuri akuba hafi gusumvya uwo muvukana.

Umugenzi agukunda ibihe vyose,

kandi umuvukanyi yavukiye guseruka mu marushwa.

Ibimota neza binezera umutima,

nayo ibinezero vy’umugenzi

bikava ku mutima umuhanura neza.

Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;

ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.

Gukeburirwa ahabona

kuruta urukundo rwinyegeje.

Umukunzi agukomeretsa aba ari uwo kwizigira,

ariko ukugumbirana kw’umwansi ni agahemo gasa.

Ntugahebe umugenzi wawe canke umugenzi w’umuryago wawe,

kandi ntukaje ku ncuti yawe ku musi ivyago biguteye,

kuko umubanyi wa hafi asumba incuti ya kure.

Uwugendana n’abanyabwenge aba umunyabwege,

ariko uwifatanya n’igipfu arabizira.

Umugani wa 3

Ntukagiriranire ubugenzi n’umuntu yihuta kuraka,

kandi ntukifatanye n’uwurakishwa n’ubusa,

ahandi ho wohava umera nka bo,

ubuzima bwawe ukabuta mu mutego.

Abenshi bavuga ko ari abakunzi b’ukuri,

ariko umwizigirwa w’ukuri umuntu yomukura he?

Ubutunzi bukwega abagenzi benshi,

ubukene bugatuma abagenzi benshi bahunga.

Jesus, o amigo

Já não vos chamo servos, mas amigos. O maior amor é dar a vida pelo amigo. Jesus é o amigo que nunca falha.

Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe. Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo ndabategeka. Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.

Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze. Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.

Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana. Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.

Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi. Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana? Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.

Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: "Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi," birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.

Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.

Companheiros de fé

Dois são melhores do que um. Os companheiros de fé se fortalecem mutuamente e caminham juntos com o Senhor.

Babiri baruta umwe,

kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:

Umwe atemvye,

mugenziwe ashobora kumuvyura.

Ariko haragowe umuntu atemba

ntagire n’umwe wo kumuvyura!

Ese ingene ari vyiza kandi bihimbaye

iyo abantu b’Imana babana mu bumwe!

Bimeze nk’amavuta y’igiciro kinini asutswe ku mutwe,

agatembera ku bwanwa,

agatembera ku bwanwa bwa Aroni,

no ku buyonga bw’ikanzu yiwe.

Ni nk’ikime co ku musozi Herumoni

gitembera ku musozi Siyoni.

Kuko aho ni ho Uhoraho asuka umugisha wiwe,

mbere n’ubugingo kugeza ibihe vyose.

Ndi incuti y’abakwubaha bose,

abakurikira ivyo wihanikirije bose.

Maze Yonatani agirana isezerano na Dawidi kuko yamukunda nk’uko yikunda.

Ntihagire uwubazimiza: "Abagenzi babi bonona ingeso nziza z’umuntu."

Seja o primeiro