Pular para o conteúdo
Publicidade

Amor fraternal

Por Bíblia Online

O amor fraternal é marca dos discípulos de Cristo. Nisto conhecerão que sois meus discípulos: se tiverdes amor uns aos outros.

Amar uns aos outros

Este é o meu mandamento: que vos ameis uns aos outros como Eu vos amei. O amor fraternal é testemunho ao mundo.

Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana. Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje."

Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.

Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.

Gukundana

Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.

Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.

Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi. Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana? Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.

Imana ni urukundo

Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.

Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu. Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana. Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.

Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona. Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana ategerezwa gukunda bene Data.

Expressões de amor fraternal

Amai-vos com afeição fraternal. O amor cobre multidão de pecados. Perseverai no amor fraterno.

Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.

Dukundane

Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.

Kubabazwa uzira gukora ivyiza

Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.

Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.

Naho ku bijanye n’urukundo mu bavukana, ntitwokwirirwa turabibandikirako vyinshi, kuko Imana yo nyene yabiyigishirije ingene mukwiye gukundana.

Amajambo yo guherezako

Tubandanye gukundana nk’abavukana. Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi. Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.

Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.

Yesu aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose. Iryo ni ryo bwirizwa rya mbere kandi riruta ayandi. Irya kabiri na ryo risa n’iryo: Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.

Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: "Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda."

Seja o primeiro