Anjos
Os anjos são seres celestiais criados por Deus para servir, adorar e executar seus propósitos. A Bíblia revela anjos mensageiros, guerreiros e protetores ao longo de toda a história redentora.
Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: "Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.
Umumarayika abwira abo bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.
Wibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira?
Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.
Uwo mumarayika aca ababwira ati: "Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose.
"Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi,
kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara."
Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye."
Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. Barababaza bati: "Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda."
Tubandanye gukundana nk’abavukana. Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.
Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana.
Ikirengeye ibintu vyose, umuntu yokwibaza, n’uko ibanga ry’ukwizera kwacu rihambaye cane:
Kristo yabonetse afise umubiri w’umuntu,
yemezwa na Mpwemu Yera kw’ari intungane,
abonwa n’abamarayika,
amenyekanishwa mu mahanga yose,
yizerwa n’abo mw’isi,
maze aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.
Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.
Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.
Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.