Bem
Fazer o bem é mandamento de Deus e expressão prática do amor cristão. A Bíblia convida a praticar o bem a todos, com alegria, sem se cansar — porque colheremos no tempo próprio.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
Wizigire Uhoraho ukore ivyiza;
guma mu gihugu unezerererwe uburagiro bwiza.
Ico nizigiye ntakekeranya ni iki:
Nzobona ukugira neza kw’Uhoraho
nkiri mw’isi y’abazima.
Niwibuke, Uhoraho, imbabazi zawe nyinshi n’urukundo rwawe,
kuko biriho uhereye kera hose.
Ntiwibuke ivyaha vyo mu buto bwanje
n’inzira zanje z’ubugarariji;
nyibuka ku bw’urukundo rwawe,
kuko wewe, Uhoraho, uri mwiza.
Uhoraho aragororotse mu nzira ziwe zose
kandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.
Aho ni ho uzomenya ibigororotse, ibitunganye hamwe n’ibibereye,
umenye n’inzira zibereye,
Ubwizigirwa bw’umuntu ni bwo bumutera gukundwa;
none rero wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.
None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.
Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva.
Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mufatane n’ivyiza.
Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.
Muvuga muti: "Vyose turavyemerewe," yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: "Vyose turavyemerewe," yamara si vyose vyubaka.
Ntihagire uwubazimiza: "Abagenzi babi bonona ingeso nziza z’umuntu."
Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.
N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.
Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi; ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana; ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.
None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza?
Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Nimuhagarare mu mayirabiri murabe;
mubaze inzira za kera izo ari zo,
nimubaze inzira nziza iyo ari yo, maze muyicemwo,
ni ho muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.
Ariko mwaravuze muti: ‘Nta yo tuzocamwo.’
Uhoraho ni mwiza,
ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa,
kandi yitaho abamuhungirako.
Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.
Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyempuhwe.