Bom dia
Cada manhã é presente de Deus. As misericórdias do Senhor se renovam cada dia. A Bíblia convida a começar o dia com louvor, oração e gratidão ao Criador.
Manhã com Deus
De manhã te apresentarei a minha oração. Pela manhã ouvirás a minha voz — eu te busco ao despertar.
Mu gitondo wumve ijwi ryanje;
mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusaba
nkarindira niteze inyishu yawe.
Ariko ndagutakambira, ewe Uhoraho;
mu gitondo ugusenga kwanje kuza imbere yawe.
Mutima wanje, niwikangure!
Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!
Nzovyura umutwenzi.
Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,
mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;
kuko uri igihome kinkingira,
ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.
Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,
mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;
kuko uri igihome kinkingira,
ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.
Ni wewe nkomezi zanje, ndakuririmbira ishimwe;
Mana, wewe uri igihome kinkingira,
Imana yanje nizigira.
Igitondo nikinzanire ijambo ry’urukundo rwawe rudashira,
kuko nakwizigiye.
Nyereka inzira nkwiye kujana,
kuko ubugingo bwanje ari wewe nabujeje.
Ariko jeho, uzontsindira kandi nzobona mu nyonga hawe;
ninikangura, nzohazwa no kukubona imbonankubone.
Misericórdias renovadas
As misericórdias do Senhor se renovam cada manhã. Este é o dia que o Senhor fez — alegremo-nos e nos regozijemos nele.
Ni uko kubera urukundo ruhambaye rw’Uhoraho tutazoherengetezwa,
kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe vyose.
Zama ari nsha uko bukeye;
ubwizigirwa bwawe buratangaje.
Ndibwira muri jewe nti: "Uhoraho ni we mugabane wanje;
ni co gituma nzomwitega."
Ni uko kubera urukundo ruhambaye rw’Uhoraho tutazoherengetezwa,
kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe vyose.
Zama ari nsha uko bukeye;
ubwizigirwa bwawe buratangaje.
Uhoraho yabikoze kuri uwu musi nyene;
tunezerwe uwu musi kandi duhimbarwe.
Nimuririmbire Uhoraho amashimwe, yemwe abizigirwa biwe;
muhimbaze izina ryiwe ryera.
Kuko uburake bwiwe bumara akanya gato,
ariko ukugira neza kwiwe kugumaho ubuzima bwose;
ukurira kwomara ijoro ryose,
ariko mu gitondo hakaba impundu.
Kuko uburake bwiwe bumara akanya gato,
ariko ukugira neza kwiwe kugumaho ubuzima bwose;
ukurira kwomara ijoro ryose,
ariko mu gitondo hakaba impundu.
Isi yose irahinda agashitsi kubera ibitangaza vyawe;
bituma umutwenzi utambika, ahandi bukira,
ugahamagara indirimbo z’umunezero.
Mu gitondo uze uduhaze urukundo rwawe rudashira,
kugira ngo tuvuze impundu kandi tunezererwe imisi yacu yose.
Louvor matinal
Saciai-nos de manhã com a tua benignidade. Todo dia te louvarei e celebrarei o teu nome para sempre.
Nzogushira hejuru, Mana yanje, wewe Mwami;
nzohimbaza izina ryawe ibihe bidashira.
Imisi yose nzoguhimbaza
nshire hejuru izina ryawe ibihe n’ibihe.
Ni vyiza guhimbaza Uhoraho
no gucurarangira izina ryawe, ewe Iyisumbavyose,
kwamamaza urukundo rwawe mu gitondo
n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,
Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nshasha;
yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho.
Muririmbire Uhoraho muhimbaze izina ryiwe,
mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye.
Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose,
n’ibitangaza yakoze mu moko yose.
Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!
Ndabirimbura bukarinda bwira.
Ku murango Uhoraho arongora urukundo rwiwe,
mw’ijoro indirimbo yiwe ibana nanje;
nk’isengesho ku Mana y’ubugingo bwanje.
Uhoraho, tugirire ubuntu,
ni wewe twamye twiteze.
Utubere inkomezi uko bukeye,
utubere n’agakiza mu bihe vy’amagorwa.
Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge,
kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe.
Yama anzindura imisi yose mu gitondo,
amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.
Graça para o novo dia
O Senhor te abençoe e te guarde. Cada novo dia é oportunidade de viver sob a graça do Deus que nos ama.
"Uhoraho aguhezagire
kandi akuzigame;
Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe
kandi akugirire ubuntu;
Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe
kandi aguhe amahoro." ’
Biba imbuto zawe mu gitondo,
no ku mugoroba nturere amaboko,
kuko utazi izizokwera,
nimba ari izi canke ziriya,
canke ko zose zizomera neza.
Avyuka bugihwibiriye;
akaronderera indya umuryango,
akaronderera n’incoreke ziwe.
Ntugakunde agatiro, ahandi ho uzoba umukene;
wame maso, ni ho uzogira indya mu kigega.
Imana ibona ko umuco ari mwiza, hanyuma iwutandukanya n’umwijima. Imana yita umuco "umurango", umwijima na wo iwita "ijoro". Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa mbere.
Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira, kuko rimeze kurya kw’itara rimurika ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.
Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, nimba tuzoba twarapfuye canke nimba tuzoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.