Publicidade

Salmos 118

1 Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;

Kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

2 Abisirayeli nibavuge bati:

"Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira."

3 Ab’inzu ya Aroni nibavuge bati:

"Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira."

4 Abubaha Uhoraho nibavuge bati:

"Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira."

5 Igihe nari nzigirijwe, natakambiye Uhoraho;

aca anshira ahagutse.

6 Uhoraho ari kumwe nanje; sinzotinya.

None abantu buntu bongira iki?

7 Uhoraho ari kumwe nanje; ni we mutabazi wanje.

Ni co gituma nzokwibonera ukuneshwa kw’abansi banje.

8 Ni vyiza guhungira kUhoraho

kuruta kwizigira abana b’abantu.

9 Ni vyiza guhungira kUhoraho

kuruta kwizigira abashizwe hejuru.

10 Amahanga yose yarankikuje,

ariko mw’izina ryUhoraho ndayarandura.

11 Yankikuje impande zose,

ariko mw’izina ryUhoraho ndayarandura.

12 Yarankikuje nk’inzuki,

ariko batongotse vuba nk’umuriro w’amahwa;

mw’izina ryUhoraho ndabarandura.

13 Narasunitswe nsubizwa inyuma ngera hafi yo gutemba,

ariko Uhoraho arantabara.

14 Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje;

yampindukiye agakiza.

15 Impundu z’umunezero n’intsinzi

zirumvikana mu mahema y’abagororotsi ngo:

"Ukuboko kw’i buryo kwUhoraho kwakoze ivy’inkomezi!

16 Ukuboko kw’i buryo kwUhoraho gushizwe hejuru;

ukuboko kw’i buryo kwUhoraho kwakoze ibikomeye!"

17 Sinzopfa ariko nzobaho,

maze nzokwamamaza ivyo Uhoraho yakoze.

18 Uhoraho yarampanye bikomeye,

ariko ntiyandekuriye mu maboko y’urupfu.

19 Nyugururira amarembo y’abagororotsi;

nzokwinjira maze nshimire Uhoraho.

20 Iri ni irembo ryUhoraho

iryo abagororotsi bakwiye kwinjiramwo.

21 Nzogushima, kuko wanyishuye;

wampindukiye agakiza.

22 Ibuye abubatsi bagaye

ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;

23 Uhoraho ni we yabikoze,

kandi ni igitangaza mu maso yacu.

24 Uhoraho yabikoze kuri uwu musi nyene;

tunezerwe uwu musi kandi duhimbarwe.

25 Uhoraho we, dukize!

Uhoraho we, duhe intsinzi!

26 Harahezagiwe uwuje mw’izina ryUhoraho.

Turabahezagiye turi mu Ngoro yUhoraho.

27 Uhoraho ni Imana,

kandi yatumye umuco wiwe udukayanganira.

Dufate amashami mu ntoke, tuje mu rugendo

rudushikana ku mahembe y’igicaniro.

28 Uri Imana yanje, nanje nzoguhimbaza;

uri Imana yanje, nanje nzogushira hejuru.

29 Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;

kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-