Publicidade

O que é bom

Por Bíblia Online

O que é bom vem de Deus. A Bíblia celebra a bondade divina e nos convida a discernir, praticar e desfrutar tudo o que é bom — porque toda boa dádiva vem do Pai das luzes.

Maze Imana yihweza ivyo yaremye vyose, ibona ko ari vyiza cane. Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatandatu.

Uhoraho ni mwiza aragororotse;

ni co gituma azokwigisha abanyavyaha inzira ziwe.

Ariko jeho, bimbereye vyiza kuba hafi y’Imana.

Nagize Uhoraho Nyeninganji ubuhungiro bwanje;

nzokwamamaza ivyo wakoze vyose.

Ni Zaburi, kandi ni indirimbo iririmbwa kw’Isabato.

Ni vyiza guhimbaza Uhoraho

no gucurarangira izina ryawe, ewe Iyisumbavyose,

kwamamaza urukundo rwawe mu gitondo

n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,

hakoreshejwe inanga y’imirya cumi

n’ijwi ry’ikembe.

Kuko Uhoraho ari mwiza kandi urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira;

ukwizigirwa kwiwe kuzokwamaho uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.

Ni indirimbo yo mw’iduga; Ni iya Dawidi.

Ese ingene ari vyiza kandi bihimbaye

iyo abantu b’Imana babana mu bumwe!

Ndiko ndabaha inyigisho nyazo;

none rero ntimukanke inyigisho zanje.

Umuntu wese anezerererwa inyishu ibereye,

kandi ni vyiza kuvuga ijambo ribereye mu gihe gikwiye.

Umugani wa 26

Mwana wanje, uzoje urarya ubuki, kuko ni bwiza.

Ubuki buvuye mu kimamara burasosa ku rurimi.

Ariko kandi umenye ko ubwenge na bwo busosera umushaha.

Niwaburonka, uzogira ivyizigiro vya kazoza keza,

kandi ivyo vyizigiro ntibizogutetereza.

Ubwenge, ni nk’iragi, ni ikintu ciza

kandi bugirira ikimazi uwubona izuba wese.

Uhoraho agirira neza abamwiteze,

abamurondera bose;

ni vyiza kwitega ducereje

agakiza kUhoraho.

Yewe muntu, yarakweretse iciza ico ari co.

Mbega hari ikindi Uhoraho akugombako?

Ni ugukora ibigororotse, gukunda imbabazi,

no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.

Ariko naho biri uko, ivyagezwe biratunganye, kandi n’amabwirizwa yavyo aratunganye, aragororotse kandi ni meza.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Wirinde kugira ngo ico ukoze ubona ko ari ciza coye gutukwa n’abantu.

Uko bikwiye kugenda mu gihe co guhimbaza Imana

Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo. Usengere abami n’abari mu bibanza vyo gutegeka bose kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose. Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu,

Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima, kuko tuzi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.

Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.

Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire uburyohe nka kurya kw’umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro."

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-