Casal
O casal cristão é parceria abençoada por Deus. Juntos são mais fortes. O amor mutual, a paciência e a submissão ao Senhor são os pilares do casamento que honra a Deus.
Unidos em Cristo
Eu e minha casa serviremos ao Senhor. O vínculo perfeito é o amor que tudo suporta e tudo espera.
Ariko nimba mudashaka gukorera Uhoraho, nimwitorere uwu musi iyindi mana mukorera, zaba imana ba sogokuruza bakorera hakurya y’uruzi Efurate, zaba imana z’Abamori, abo mubereye mu gihugu. Ariko twe n’abo mu nzu yanje, tuzokorera Uhoraho."
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima. Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu. Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ahubwo mwame murondera kugiriranira ineza hagati yanyu no ku bandi.
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
O projeto divino
Não é bom que o homem esteja só. Dois são melhores do que um — e o cordão de três dobras não se rompe facilmente.
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Uwo mugabo n’uwo mugore bari gusa, ariko nta soni vyabatera.
Nuko Imana iravuga iti: "Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose."
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Nuko Imana irabahezagira, ivuga iti: "Nimurondoke mugwire; mwuzure isi kandi muyiganze. Muganze amafi yo mu biyaga, inyoni zo mu kirere hamwe n’ibindi biremwa vyose bigendagenda kw’isi."
Mwebwe nimurondoke mugwire, mwuzure isi."
Babiri baruta umwe,
kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:
Mbega Imana ntiyari yabagize umwe n’abagore banyu? Mu mpwemu no mu mubiri muri abiwe. Kandi ico abipfuzako ni iki? Ashaka ko muvyara abana bamwubaha. Nuko rero nimwirinde mugume mw’isezerano mwagiranye n’abagore bo mu buto bwanyu.
Amor conjugal
Maridos, amai vossas mulheres. A mulher virtuosa é achada de Deus. Cresçam juntos em graça e verdade.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,
"Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze babe umubiri umwe."
Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe. "Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye, kuko ishavu riha akaryo wa mubi. Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.
Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva. Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa. Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,
kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo. Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
Twirinde gusenga ibigirwamana
Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.
Ariko mu Mwami, umugore yuzuza umugabo, kandi umugabo yuzuza umugore.