Pular para o conteúdo
Publicidade

Comunidade

Por Bíblia Online

A comunidade cristã é essencial para o crescimento da fé. A Bíblia ensina que fomos criados para viver em comunhão — edificando-nos, encorajando-nos e servindo uns aos outros.

Viver em unidade

Os que creram eram um coração e uma alma. A comunidade primitiva partilhava tudo e vivia em harmonia e alegria.

Abizera basangira ivyabo

Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose.

Uko abizera bari babayeho

Maze abizera bose bashishikara gushira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.

Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.

Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.

Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo."

Edificação mútua

Vivam em harmonia uns com os outros. Não haja divisões entre vós. A comunidade cresce quando cada membro contribui.

Kwirinda kwicamwo ibice

Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.

Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.

Nk’uko iyi mibiri yacu ifise ibihimba bitandukanye kandi ivyo bihimba bigakora ibikorwa bitandukanye, ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.

Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.

Ntugacire imanza abandi

Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.

Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu,

Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.

Amor e compromisso

Não deixemos de congregar. O vínculo perfeito é o amor — ele une a comunidade e produz frutos que duram.

Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.

Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro.

Ese ingene ari vyiza kandi bihimbaye

iyo abantu b’Imana babana mu bumwe!

Kubabazwa uzira gukora ivyiza

Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.

Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.

Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.

Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu. Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.

Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.

Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye."

Seja o primeiro