Criação
A criação revela a glória de Deus. Céus, terra, mares e tudo o que existe testemunham o poder criador. No princípio Deus criou — e tudo era muito bom.
No princípio
No princípio criou Deus os céus e a terra. O Espírito de Deus pairava sobre as águas. E Deus disse: haja luz.
Mu ntango, Imana yaremye amajuru n’isi. Ico gihe isi ntiyagira imero kandi nta kintu cari kuri yo. Umwijima wari utwikiriye ikidengeri c’amazi menshi kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’ayo mazi.
Nuko Imana iravuga iti: "Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose."
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Imana ihezagira umusi ugira indwi iraweza, kuko kuri uwo musi yaruhutse igikorwa cayo c’irema.
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
O poder criador
Pela palavra do Senhor foram feitos os céus. Tudo foi criado por Ele e para Ele — o visível e o invisível.
Amajuru yaremwe n’ijambo ry’Uhoraho,
inyenyeri zo kw’ijuru zose zaremwe n’impwemu z’akanwa kiwe.
Imisozi itaravuka
canke ngo wibaruke isi yose,
uhereye kera hose ukageza ibihe bidashira uri Imana.
Nimuze, tumwunamire tumusenge,
dupfukame imbere y’Uhoraho Umuremyi wacu;
Ndunamurira amaso yanje ku misozi;
ugutabarwa kwanje kuva hehe?
Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho,
Umuremyi w’ijuru n’isi.
Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina ry’Uhoraho,
Umuremyi w’ijuru n’isi.
Uhoraho yabikoze kuri uwu musi nyene;
tunezerwe uwu musi kandi duhimbarwe.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Criador e Sustentador
O Deus eterno não se cansa nem se fatiga. Dele, por Ele e para Ele são todas as coisas — a Ele seja a glória.
Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,
ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.
Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,
ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.
Bazobona ibara abaharira bagatongana n’Umuremyi,
kandi ari injo gusa
mu zindi njo zo kw’isi.
Mbega ibumba ryobaza umubumvyi riti:
‘Ugomba kubumba iki?’
Canke icabumbwe covuga kiti:
‘Umubumvyi nta maboko agira?’
‘Ewe, Uhoraho Nyeninganji, waremye ijuru n’isi ubiremesheje ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi, nta na kimwe kikunanira.
Uhoraho yubatse ikirimba ciwe iyo mw’ijuru hejuru
ashira amatanguriro yaco kw’isi;
ahamagara amazi yo mu kiyaga
akayasuka kw’isi,
Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo
kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro.
Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.
Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.
kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.
Nova criação
Se alguém está em Cristo, nova criatura é. O Criador faz novas todas as coisas — na natureza e na redenção.
Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.
Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.
Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.
Ni kubera yo tubayeho, tukagendagenda, kandi tukagira ubuzima. Nk’uko bamwe mu bahinga banyu babivuze, ‘Turi uruvyaro rwayo.’
Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti:
"Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha,
ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe,
ibihe vyose!"