Crianças
As crianças ocupam lugar especial no coração de Deus. A Bíblia instrui a educá-las, protegê-las e ensiná-las nos caminhos do Senhor desde cedo — formando gerações que temem a Deus.
Herança do Senhor
Os filhos são herança do Senhor. Eles são presentes de Deus — cada criança é um milagre e uma responsabilidade sagrada.
Abana ni umugabane uva k’Uhoraho,
uruvyaro ni impera atanga.
Maze abahungu bacu, mu buto bwabo,
bazomera nk’imivyaro yatabiwe neza,
abakobwa bacu na bo bazoba nk’inkingi
zabarijwe gushariza ikirimba.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Nimuze bana banje, munyumvirize;
nanje ndabigishe ukwubaha Uhoraho.
Instruir as crianças
Instrui a criança no caminho em que deve andar. A educação cristã é mandamento repetido através de toda a Escritura.
Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,
niyakura ntazoyivamwo.
Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,
niyakura ntazoyivamwo.
Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,
niyakura ntazoyivamwo.
Ubupfu bwuzuye mu mutima w’umwana,
ariko inkoni yo guhana izobumukuramwo.
Ubupfu bwuzuye mu mutima w’umwana,
ariko inkoni yo guhana izobumukuramwo.
Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka,
ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.
Umwana w’ubwenge yumviriza inyigisho za se,
ariko umwana atagira indero ntiyemera gukosorwa.
Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,
ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,
kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.
Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,
ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
kuko Uhoraho agabisha abo akunda,
kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.
Data yanyigishije ati: "Ushire amajambo yanje ku mutima,
ugendere mu mabwirizwa yanje,
ni ho uzobona kubaho.
Rondera ubwenge, rondera ugutahura;
ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.
Disciplinar com amor
A vara e a repreensão dão sabedoria. A disciplina produz o fruto pacífico da justiça nos que são exercitados por ela.
Inkoni yo guhana itanga ubwenge,
ariko umwana atarezwe amaramaza nyina.
Ntubure guhana umwana wawe;
niwamukubita inkoni ntazopfa.
Umvira so wawe, we yakuvyaye,
kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.
Wigurire ukuri, kandi ntuzokugurishe.
Uronke ubwenge, indero nziza hamwe n’ugutahura.
Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina,
yikwegera isoni n’ibimaramare.
Wopfuma uba umukene uri inyankamugayo
hako uba igipfu akanwa kaco kuzuye amajambo y’ibinyoma.
Uwubaha Imana agendera mu bwizigirwa;
hahiriwe abana bazomukomokako.
Mbere n’umwana amenyekanira ku vyo akora,
bikerekana ko azoba uwutunganye, agororotse.
Igipfu gitera umubabaro se waco,
uwakivyaye kikamutera umururazi.
Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,
kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.
Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,
kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.
Igipfu gikengera impanuro z’umuvyeyi,
ariko uwemera guhanurwa ni umunyabwenge.
Umwana w’ubwenge atera umunezero se wiwe,
ariko igipfu co gikengera nyina.
Umunyabwenge wese yumvira ivyagezwe,
ariko uwugendana n’abakunzi b’inda atetereza se.
Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,
kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.
Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,
n’umugufu ushariza izosi.
None rero, bana banje, nimuntege amatwi;
hahiriwe abagendera mu nzira zanje.
Nimwumve inyigisho zanje, maze mugire ubwenge,
ntimuzirengagize.
Obediência e promessa
Filhos, obedecei a vossos pais no Senhor. Honra a teu pai e tua mãe para que viva muito tempo sobre a terra.
Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."
Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.
Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.
Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane,
Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.
Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.
Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.
Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.
Muzokurikize amabwirizwa n’ivyagezwe vyayo, ivyo ndabahaye uwu musi, kugira ngo ivyanyu n’ivy’uruvyaro rwanyu bizogende neza, muzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo kizobe icanyu ibihe vyose.
Mwiyubare kugira ngo muze mwumvire aya mategeko ndabahaye yose, kugira ngo ivyanyu, mwe n’abana banyu bazokwaruka inyuma yanyu, bizokwame bigenda neza, kuko muzoba muriko murakora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu.
arababwira ati: "Mushire ku muzirikanyi amajambo yose ndababwiriye ku mugaragaro uwu musi, kugira ngo muzotegeke abana banyu gukurikiza neza amajambo y’ibi Vyagezwe. Ayo majambo si ayasanzwe, ariko ni ubuzima bwanyu. Ni yo azobaha kurambira mu gihugu mugiye kwinjiramwo hakurya ya Yorodani ngo mucegukire."
Crianças e o reino
Deixai vir a mim as crianças. Jesus honrou as crianças como modelo de fé e humildade para todo o seu povo.
Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."
Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."
Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"
Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.
Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.
Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [
Uwo mwanya Yesu aravuga ati: "Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n’abize, ukabihishurira abameze nk’abana bato.
Hahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Umusi umwe, abavyeyi bazanye abana babo aho Yesu ari kugira ngo abarambikeko ibiganza. Ariko abigishwa barabakankamira. Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo.
Nuko afata umwana mutoya amuhagarika hagati yabo, aramuterura, ababwira ati: "Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye n’uwantumye."
Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu.
Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: "Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?"
Petero aramwishura ati: "Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda."
Yesu na we ati: "Gaburira imyagazi y’intama zanje."
Identidade e crescimento
Somos filhos de Deus pelo Espírito de adoção. Crescer em Cristo é amadurecer em fé, obediência e amor ao próximo.
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.
Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;
kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data."
Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.
kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.
Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari. Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.
Ndabandikiye mwebwe bana bato,
kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.
Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu.
Ategerezwa kuba uwushobora gutunganya urugo rwiwe, abana biwe bakamugamburukira kandi bakamusonera.
Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.
Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti:
"Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntugacike intege iyo aguhanye;
kuko Uhoraho aha indero abo akunda,
kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe."
Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri. Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.
Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe."
Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanye n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.
Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.
Transmitir a fé
Contaremos à geração vindoura os louvores do Senhor. O legado de fé é o maior presente que damos aos nossos filhos.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Uhoraho,
kandi bazogira amahoro asesekaye.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Uhoraho,
kandi bazogira amahoro asesekaye.
Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazira
nk’uko ndiko ndabikora uwu musi.
Abavyeyi biganira abana babo
ivy’ubwizigirwa bwawe.
Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa,
akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye?
Naho we yomwibagira,
jewe sinzokwibagira.
Ehe raba nakwanditse mu biganza vyanje,
kandi inzitiro zawe ndazihozako amaso.
Mu nyuma ndaraba, ndahaguruka mbwira abakuru, abatware n’abandi bantu nti: "Ntimubatinye. Mwibuke ko Imana ikomeye kandi ihambaye, maze mugwanire benewanyu, abahungu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’amazu yanyu."
Uwo muhungu Samweli akorera Uhoraho musi y’uburongozi bwa Eli. Kandi, muri iyo misi, kwumva ijambo ry’Uhoraho vyari imbonekarimwe; no kwerekwa kwari guke cane.
Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.
Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.
Ntituzobinyegeza abana bacu;
tuzobibwira abo mu runganwe ruzoza.
Ivyo Uhoraho yakoze bibereye gushimwa,
inkomezi ziwe, n’ibitangaza yakoze.
Yashingiye aba Yakobo ivyagezwe
yashinze amabwirizwa kuri Isirayeli,
ivyo yategetse ba sogokuruza
ngo bavyigishe abana babo,
kugira ngo abo mu runganwe ruzoza baze babimenye,
mbere n’abana bataravuka
maze na bo baze babibwire abana babo.
Maze bazokwizigira Imana
kandi ntibazokwibagira ivyo yakoze
ariko bazokwitondera amabwirizwa yiwe.