Deus está contigo
Deus está contigo — esta é a promessa mais repetida da Bíblia. Onde quer que vás, em qualquer situação, o Senhor caminha ao teu lado e nada pode te separar do seu amor.
Eu sou contigo
Sê forte e corajoso! Não temas, porque o Senhor teu Deus é contigo por onde quer que andares.
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
Nta wuzoshobora kuguhangara ngo akugwanye igihe cose ushigaje kubaho. Nk’uko nabanye na Mose, ni ko nzobana nawe. Sinzokureka wenyene, sinzoguhemukira. Komera kandi shira ubwoba, kuko ari wewe uzojana aba bantu kugira ngo begukire igihugu nasezeraniye ba sekuruza nkabarahira ko nzokibaha.
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Nzoguhindura nk’uruzitiro kuri aba bantu,
uruzitiro rukomeye rw’umwakaka;
bazokugwanya
ariko ntibazokunesha,
kuko ndi kumwe nawe
ngo ndagukize,"
ni ko Uhoraho avuze.
Wa mumarayika w’Uhoraho yiyereka Gidiyoni, amubwira ati: "Uhoraho ari kumwe nawe, wa muhizi w’umunyenkomezi."
Presença constante
Não te deixarei nem te desampararei. Cristo habita no coração pela fé — e estará conosco até o fim dos tempos.
Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:
"Sinzokwigera ndaguta;
sinzokwigera ndaguheba."
mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,
Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
Amor inseparável
Nada poderá nos separar do amor de Deus que está em Cristo Jesus nosso Senhor. Absolutamente nada.
Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.