Publicidade

Dificuldades

Por Bíblia Online

As dificuldades são parte da vida, mas Deus é refúgio certo em todo tempo de angústia. A Bíblia promete que nenhuma adversidade pode separar os filhos de Deus do seu amor.

Deus é refúgio

Deus é nosso refúgio e fortaleza, socorro bem presente nas angústias. Nada poderá nos separar do amor de Cristo.

Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi

ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.

Ni co gituma tutazotinya, naho isi yonyiganyiga

n’imisozi ikagwa mw’ibenga ry’ikiyaga,

naho amazi yaco yosuriranya akuzura ifuro

agatera n’imisozi kunyiganyiga.

Nzobwira Uhoraho nti: "Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,

uri Imana yanje nizigira."

Muze muhore mu mwizigira ibihe vyose, yemwe bantu;

mumugaragarize imitima yanyu,

kuko Imana ari yo buhungiro bwacu.

Uhoraho abera ubuhungiro impahazwa,

ni igihome co guhungiramwo mu gihe c’ivyago.

Abazi izina ryawe bazokwizigira,

kuko wewe, Uhoraho, ntiwigeze uheba abakurondera.

Ni wewe uganza ikiyaga gisuriranya;

igihe imipfunda yaco yahagurutse, ni wewe uyitururuza.

Ariko wewe urakomeye kurusha ukubomborana kw’amazi yo mw’ibenga,

urakomeye kurusha imipfunda y’ikiyaga;

Uhoraho ashizwe hejuru arahambaye.

Yahagaritse ingunza y’amazi;

imikuba iratekereza.

Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu? Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose;

dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa."

Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze. Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Provisão nas dificuldades

O Senhor provê mesmo nos tempos mais difíceis. Ele sustentou Elias, protegeu Israel e cuida dos seus com fidelidade eterna.

Amavuta ntiyigeze ahera muri ca gikombe, n’ifu ntiyigeze ihera muri ka gaseke, nk’uko ijambo ryUhoraho ryari ryabivuze riciye kuri Eliya.

Yagaranzuye igicu co kubapfuka,

n’umuriro wo kubamurikira mw’ijoro.

Barasavye, na we abaha inkware;

yarabagaburiye barahaga umukate uvuye mw’ijuru.

Yasatuye igitandara, amazi aradudubiza;

atemba nk’uruzi mu bugaragwa.

Kuva ndi muto kugeza ubu nshaje,

sinigeze mbona umugororotsi yatawe

canke abana biwe basegerereza ivyokurya.

Inyankamugayo zimara imisi yazo zishigikiwe nUhoraho,

kandi ivyo zarazwe bizokwamaho ibihe vyose.

Mu bihe vy’ivyago ntibazokabirana;

no mu gihe ca kigoyi bazonezererwa umusesekara.

Kuko nzosuka amazi kw’isi igadutse,

ntembeshe imigende kw’isi yumye.

Nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe,

n’umugisha ku bagukomokako.

Wabereye aboro ubuhungiro,

ubuhungiro bw’abakene mu kuburanirwa kwabo,

ubabera ubwugamo mu gihuhusi,

n’igitutu mu gihe c’indugumba.

Kuko uburake bw’inkozi z’ibibi,

bumeze nk’igihuhusi cisuka ku gihome,

Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.

Niwaca mu mazi menshi,

nzoba ndi kumwe nawe;

niwaca mu nzuzi,

ntizizokurengera.

Niwaca mu muriro,

ntuzosha,

imbeya ntizizogutongora.

Força nas provas

Em tudo somos atribulados, mas não esmagados. O Senhor é bom e é fortaleza no dia da angústia — Ele conhce os seus.

Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege. Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa.

Uhoraho ni mwiza,

ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa,

kandi yitaho abamuhungirako.

Itekera amazi mu bicu vyayo,

ariko ntibitoborwe n’uburemere bwayo

Itwikira intebe yayo,

ikayipfukisha ibicu.

Amazi iyashingira akarimbi,

igashira imbibe hagati y’umuco n’umwijima.

Izogukingira akarimi k’abakuvuga nabi,

kandi ntuzotinya agatikizo nikashika.

Yesu arabishura ati: "Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?" Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.

Maze bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke? Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: Mbega tuzorya iki? Tuzonywa iki? Tuzokwambara iki?

Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.

Raba, narabahaye ububasha bwo kunesha ubushobozi bwose bw’umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_21-26-40-