Publicidade

Salmos 93

1 Uhoraho araganje, yisakaye ubwiza;

Uhoraho yisakaje ubwiza kandi yambaye inkomezi;

ni ukuri, isi irakomeye, irahamye kandi irahangamye.

2 Intebe yawe y’Ubwami yabayeho kuva kera;

wamyeho ibihe vyose.

3 Ibiyaga birasuriranye, ewe Uhoraho,

ibiyaga birabomboranye;

ibiyaga bivyuye imipfunda yavyo.

4 Ariko wewe urakomeye kurusha ukubomborana kw’amazi yo mw’ibenga,

urakomeye kurusha imipfunda y’ikiyaga;

Uhoraho ashizwe hejuru arahambaye.

5 Ivyo washinze, ewe Uhoraho, birahamye;

ukwera ni kwo gusharije inzu yawe

ibihe bitazoshira.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_23-13-58-