Publicidade

Doença

Por Bíblia Online

A doença é realidade humana que a Bíblia confronta com compaixão e poder. Jesus curou toda enfermidade e prometeu ouvir a oração da fé pelos enfermos.

Jesus, o curador

Jesus percorreu toda a Galileia curando toda enfermidade e doença entre o povo. Pelo seu nome, curas continuam acontecendo.

Yesu aterwa ikigongwe n’abantu

Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ingwara zose n’ubumuga bwose.

Mukize abagwaye, muzure abapfuye, muhumanure abagwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.

Mukize abagwaye, muzure abapfuye, muhumanure abagwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.

Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abagwaye bose. Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati:

"Yikoreye ubumuga bwacu,

yishirako ingwara zacu zose."

nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.

Maze abagororotsi bazomwishura bati: Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?

Umwami azobishura ati: Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.

Yesu avyumvise, abishura ati: "Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abanyavyaha."

Mukize abagwaye, mwongere mubabwire muti Ubwami bw’Imana burabegereye.

Yesu arungika bamwe cumi na babiri

Yesu akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara, aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abagwaye.

Promessas de cura

Eu sou o Senhor que te sara. As Escrituras prometem cura para o corpo e para a alma aos que confiam em Deus.

ibabwira iti: "Nimwatega ugutwi ivyo jewe Uhoraho Imana yanyu ndababwira, mugakora ibiroranye mu nyonga zanje, mugakurikiza amabwirizwa n’amategeko yanje, sinzobatera ingwara nk’izo nateye Abanyegiputa, kuko ndi Uhoraho abakiza ingwara."

Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara.

Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara.

Mvura, ewe Uhoraho, nca nkomera;

nkiza nca nkira vy’ukuri,

kuko ari wewe mpimbaza.

ni we aharira ivyaha vyawe vyose

agakiza ingwara zawe zose,

Akiza abafise imitima imenetse

agapfuka inguma zabo.

Uhoraho ni we ahumura impumyi,

Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi,

Uhoraho ni we akunda abagororotsi.

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

Hahiriwe abababara umugorwa;

Uhoraho azobakiza mu gihe c’ivyago.

Uhoraho azobarinda abakingire;

bazoharurwa mu bahawe umugisha bo mu gihugu;

ntazobarekurira mu maboko y’abansi babo.

Uhoraho azobashigikira bari ku buriri bagwaye,

kandi azobasubizamwo inkomezi abahagurutse kuri ubwo buriri.

Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko umushaha wawe umerewe.

Oração pelos doentes

A oração da fé salvará o enfermo. Confessai as ofensas uns aos outros e orai uns pelos outros para serdes curados.

Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami. Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.

Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami. Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.

Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.

Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru. Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo, ariko anyishura ati: "Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke." Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe. Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.

Esperança na aflição

Ele tomou sobre si as nossas enfermidades. Mesmo na doença, o coração alegre serve de bom remédio e Deus dá esperança.

Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,

yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.

Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,

yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.

Umutima unezerewe ni umuti mwiza,

ariko umutima ubabaye umara inkomezi mu mubiri.

Umutima w’umuntu ni wo umufasha kwihanganira ingwara;

ariko umutima ubabaye ni nde yowihanganira?

Iyo ivyitezwe bitevye, umutima uragwara,

ariko icipfujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubuzima.

Ncereje,

amagufa yanje aruma

kubera kuboroga bukarinda bwira.

Nk’uko mubizi icatumye ndababwira Ubutumwa Bwiza ubwa mbere ni uko nari ngwaye mu mubiri. Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe.

Ntusubire kwama unywa amazi yonyene, uje uranywa umuvinyu mukeya ku bw’ingorane ufise mu nda, ukama ugwaragurika.

Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_15-35-42-