Publicidade

Ensinar

Por Bíblia Online

Ensinar é mandamento e dom. A Bíblia exorta pais, líderes e mestres a transmitir a verdade divina com fidelidade, paciência e sabedoria para as próximas gerações.

Ensinar a Palavra

Toda Escritura é útil para ensinar. Quem ouve as palavras de Jesus e as pratica é como o homem sábio que construiu sobre a rocha.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Umwubatsi w’ubwenge n’uwikijuju

Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.

Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.

Iyi ni imigani ya Salomo, mwene Dawidi, umwami wa Isirayeli.

Intumbero y’iyi migani ni ukwigisha abantu ubwenge no kubatoza indero,

no kubafasha gutahura amajambo y’ubwenge.

Yigisha abantu kugira ubwenge bwo kuroranya ibintu mu buzima,

bagakora ibigororotse, ibitunganye n’ibibereye.

Iyo migani yigisha ubwenge abazi bike,

abakiri bato ikabaha ubumenyi bwo guserangura.

Umunyabwenge niyumve iyi migani, yongereze ubumenyi,

uwufise ubuseranguzi aronke ukurongorwa,

kugira ngo atahure iyi myibutsa n’iyi migani,

amajambo y’abanyabwenge n’amabanga yayo.

Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,

ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.

Instruir as gerações

Ensina a criança nos caminhos de Deus. A geração que não conhece o Senhor perde a herança espiritual da fé.

Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose. Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.

Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha

Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,

kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.

Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,

n’umugufu ushariza izosi.

Kwirinda ubusambanyi

Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,

kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.

Ubizigame mu mutima wawe ibihe vyose,

uvyambare mw’izosi.

Uri ku rugendo, bizokurongora,

uryamye bizokurarira;

kandi niwavyuka bizokuganiriza.

Kuko ibwirizwa ni itara,

inyigisho ni urumuri,

ukugabisha no gutoza indero na vyo

ni inzira ijana mu buzima.

Rondera ubwenge, rondera ugutahura;

ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.

Ntugahebe ubwenge kuko ni bwo buzokuzigama;

ahubwo ubukunde kuko ni bwo buzokurinda.

Kugira ngo ube umunyabwenge, rondera ubwenge.

Naho vyogusaba gutanga ivyawe vyose,

bitange uronke ugutahura.

Niwabuha agaciro, na bwo buzokugira uwuhambaye.

Bugumbire, na bwo buzoguhesha icubahiro.

Ucakire inyigisho zanje, ntuziveko.

Uzizigame neza kuko ni zo buzima bwawe.

Ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira z’abanyakibi,

canke ngo ugendere mu ngeso z’inkozi z’ikibi.

Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,

kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.

Ushire kure yawe amajambo y’ubupfu,

urinde akanwa kawe kuvuga amajambo mabi.

Wame uraba imbere yawe,

amaso yawe uyahange ibiri imbere yawe.

Wiyumvire cane ku nzira ugiye gucamwo,

utumbereze ibirenge vyawe mu nzira y’ukuri.

Ntukebereze i buryo canke i bubamfu,

urinde ibirenge vyawe vyoye gukurikira ikibi.

Inyigisho y’umunyabwenge ni isoko y’ubuzima,

igarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.

Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,

kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.

Ni masikili ya Asafu.

Bantu banje, nimwumve ukwigisha kwanje;

nimwumvirize amajambo yo mu kanwa kanje.

Reka nugurure akanwa kanje nce umugani;

ndavuga natura ibihishijwe, ivya kera muri kahise;

ivyo twumvise tukamenya,

ivyo ba sogokuruza batubwiye.

Ntituzobinyegeza abana bacu;

tuzobibwira abo mu runganwe ruzoza.

Ivyo Uhoraho yakoze bibereye gushimwa,

inkomezi ziwe, n’ibitangaza yakoze.

Urwo runganwe rumaze guhamvya ba sekuruza, haza urundi rutari rwarigeze rumenya Uhoraho canke ngo rubone ivyo Uhoraho yakoreye Isirayeli.

Fidelidade no ensino

Quem ensina com fidelidade merece dupla honra. Cuidado com doutrinas falsas — permaneçam na doutrina de Cristo.

Abakuru b’Ishengero barirongoye neza bakwiye kwubahwa no guhabwa ibibatunga na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: "Ntimuze muzibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano," kandi ngo: "Umukozi aberwa n’impembo."

Wirinde ibiyago vy’ubupfu, kuko abavyamamwo bibatwara mu kutubaha Imana. Inyigisho zabo zikwiragira nk’ingwara ya kanseri mu mubiri. Muri bo harimwo Humenayo na Fileto.

Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.

Yesu yigisha ku musi mukuru

Umusi mukuru ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha. Abayuda bamwumvise baratangara, barabazanya bati: "Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?"

Yesu arabishura ati: "Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye. Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa. Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-