Evangelização
A evangelização é a missão suprema da Igreja. Jesus mandou: ide por todo o mundo e pregai o evangelho a toda criatura. O evangelho é poder de Deus para a salvação de todo aquele que crê.
A Grande Comissão
Ide, fazei discípulos de todas as nações. Jesus confiou a seus seguidores a missão de levar a boa notícia ao mundo inteiro.
Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
Arababwira ati: "Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.
Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi."
Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.
Abizera ni umunyu n’umuco
Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.
Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
O poder do evangelho
O evangelho é poder de Deus para a salvação. A fé vem pelo ouvir, e o ouvir pela Palavra de Cristo.
Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.
Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.
Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.
Ibijanye n’ukuzuka kwa Kristo
Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo. Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza hamwe mugumije amajambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.
Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.
Testemunhar e proclamar
Estai sempre preparados para responder com mansidão a todo aquele que pedir razão da vossa esperança.
Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.
Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje."
Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.
Kuko Umwami yari yadutegetse ati:
‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga,
kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’"
Ariko mbona ko ubuzima bwanje atari ikintu c’agaciro kanini, ico nshaka ni kunonosora urugendo rwanje, no gusozera neza igikorwa Umwami Yesu yampaye co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.
"Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe,
kuko yansize amavuta
ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza.
Yantumye kubwira imbohe ko zibohotse,
abahumye ngo bahumuke,
kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,
Yesu na we arabishura ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza, atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.
Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.
Fazer conhecer
Dai graças ao Senhor, invocai o seu nome, fazei conhecidas as suas obras entre os povos.
Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;
mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.
Uwo musi muzovuga muti:
"Nimushimire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe,
mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze,
muvuge ko izina ryiwe rihambaye.
Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.
Gukora ivyiza ku bw’Ubutumwa Bwiza
Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.
Uko ni ko nzokwerekana ubukuru bwanje n’ukwera kwanje, kandi nzokwimenyekanisha imbere y’amahanga menshi. Ni ho bazomenyera ko ndi Uhoraho.’ "