Filhos de Deus
Ser filho de Deus é o maior privilégio da existência humana. Pela fé em Cristo, recebemos o direito de ser chamados filhos de Deus — herdeiros de Deus e co-herdeiros com Cristo.
O direito de ser filho
A todos que creram no nome de Jesus, deu-lhes o poder de serem feitos filhos de Deus — nascidos não do sangue, mas de Deus.
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera, muronke ubugingo mw’izina ryiwe.
Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.
Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite.
Nuko rero ntimukiri abagurano, ariko muri abana b’Imana bwite. Kandi ko muri abana b’Imana bwite, Imana yabagize abaragwa.
A identidade dos filhos
O Espírito testifica com nosso espírito que somos filhos de Deus. E se filhos, também herdeiros — herdeiros de Deus.
Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana; kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data."
Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.
Ibi bisigura ko abavutse mu buryo bw’umubiri kuri Aburahamu atari bo bana b’Imana, ahubwo abavutse mu buryo bw’isezerano ni bo bana ba Aburahamu b’ukuri.
Ariko Abisirayeli bazoba nk’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga, udashobora guharurwa canke gupimwa. Kandi mu kibanza babwiriwemwo ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazobwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana Nzima.’
Indya zihumanye n’izidahumanye
Muri abana b’Uhoraho Imana yanyu. Nimwagandarira uwapfuye, ntimuzokwimoshe umushatsi wo mu ruhanga, kuko muri ubwoko bwatoranijwe n’Uhoraho Imana yanyu. Mu yandi mahanga yose yo kw’isi, Uhoraho yatoranije mwebwe ngo mube ubutunzi bwiwe.
Viver como filhos
Vede que grande amor o Pai nos concedeu: que fôssemos chamados filhos de Deus! E é isso que somos.
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.
Hahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Aca arababaza ati: "None mweho, muvuga ko ndi nde?"
Simoni Petero aramwishura ati: "Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima."
Yesu nawe aca amubwira ati: "Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.
Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri.