Força
O Senhor é a nossa força. A Bíblia está repleta de promessas para os que se sentem fracos, cansados ou sobrecarregados. Deus fortalece, sustenta e renova os que confiam nele.
O Senhor é minha força
O Senhor é minha força e meu escudo; nele meu coração confia. Ele é a fortaleza da minha vida — de quem me recearei?
Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;
umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.
Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,
nanje nzomushimisha indirimbo yanje.
Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;
umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.
Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,
nanje nzomushimisha indirimbo yanje.
Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;
umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.
Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,
nanje nzomushimisha indirimbo yanje.
Uhoraho ni inkomezi z’abantu biwe,
igihome c’agakiza ku wo yarobanuje amavuta.
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;
none notinya nde?
Uhoraho ni igihome kinkingira;
none ni nde yontera ubwoba?
Ico nizigiye ntakekeranya ni iki:
Nzobona ukugira neza kw’Uhoraho
nkiri mw’isi y’abazima.
Urorere Uhoraho;
ukomere ureme mu mutima
kandi urorere Uhoraho.
Urorere Uhoraho;
ukomere ureme mu mutima
kandi urorere Uhoraho.
Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje;
yampindukiye agakiza.
Ndagukunda, Uhoraho, uri inkomezi zanje.
Uhoraho ni we gitandara canje, igihome canje kinkingira n’umutabazi wanje;
Imana yanje ni igitandara canje nihishamwo,
inkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara mpungiramwo.
Ku bwawe, nshobora gutera ingabo nyinshi;
turi kumwe n’Imana yanje, nshobora kwurira uruzitiro.
None ni nde Mana atari Uhoraho?
Kandi ni nde Gitandara atari Imana yacu?
Renovar as forças
Os que esperam no Senhor renovam as forças. Sobem com asas como águias, correm e não se cansam, caminham e não se fatigam.
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
Ni we yongera inkomezi abacitse intege,
akongerereza inguvu abanyantegenke.
Ni we yongera inkomezi abacitse intege,
akongerereza inguvu abanyantegenke.
Ni we yongera inkomezi abacitse intege,
akongerereza inguvu abanyantegenke.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Abakene n’aboro barondera amazi,
ariko nta ho bayaronka;
indimi zabo zigatuwe n’inyota.
Ariko jewe Uhoraho nzobishura;
jewe Imana ya Isirayeli, sinzobaheba.
Wabereye aboro ubuhungiro,
ubuhungiro bw’abakene mu kuburanirwa kwabo,
ubabera ubwugamo mu gihuhusi,
n’igitutu mu gihe c’indugumba.
Kuko uburake bw’inkozi z’ibibi,
bumeze nk’igihuhusi cisuka ku gihome,
nshirireho no kuri abo b’i Siyoni bagandaye,
urugori rw’ubwiza
mu gishingo c’iminyota,
amavuta y’akanyamuneza
mu gishingo c’ikigandaro,
n’umwambaro w’amashimwe
mu gishingo c’umutima wihebuye.
Bazokwitwa igiti c’ukugororoka,
catewe n’Uhoraho,
ngo cerekane ubwiza bwiwe.
Tudo posso em Cristo
Tudo posso naquele que me fortalece. Deus dá poder ao cansado e multiplica as forças dos que não têm vigor.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.
ariko anyishura ati: "Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke." Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe. Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.
ariko anyishura ati: "Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke." Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe. Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.
Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.
Ibigwanisho tugwanisha si nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ibihome bikomeye, ari vyo vyiyumviro bibi n’impari vy’abantu.
Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.
Força do Espírito
Recebereis poder ao descer sobre vós o Espírito Santo. O Espírito nos fortalece com poder no homem interior.
Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi."
Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.
Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu mitima, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke ivyo twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri, icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, uhereye ibihe vyose, ukugeza ibihe bidashira! Amen.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Nitwihangana,
tuzoganzanya na we.
Nitwamwihakana,
na we azotwihakana.
Coragem e perseverança
Sê forte e corajoso! O Senhor teu Deus é contigo por onde quer que andares. Não desanime, porque a alegria do Senhor é a vossa força.
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Kuko Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe kugwanya abo bansi banyu, akabaha intsinzi."
Kuko Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe kugwanya abo bansi banyu, akabaha intsinzi."
Nehemiya aravuga ati: "Nimugende murye ibiryoshe munywe n’ibinyobwa bisosa, kandi murungikire n’abatateguye na kimwe. Uwu musi ni uwera k’Uhoraho Imana yacu. Ntimubabare, kuko umunezero w’Uhoraho ari wo nkomezi zanyu."
We yishimikije inkomezi z’umuntu w’inyama n’amaraso, ariko tweho turi kumwe n’Uhoraho Imana yacu ngo itugwanire intambara." Maze abantu bararema kubw’amajambo Hezekiya umwami w’i Buyuda avuze.
Ariko mweho, nimukomere ntimwihebure, kuko igikorwa canyu kizoronka ingero."
Dawidi arongera abwira Salomo umwana wiwe ati: "Shikama ushire amanga, ukore ico gikorwa. Ntutinye canke ngo wihebure, kuko Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, iri kumwe nawe. Ntizoguta kandi ntizoguhemukira gushika aho igikorwa co kwubaka Ingoro y’Uhoraho kizoherera.
Ubukuru n’ububasha ni ivyawe
n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro,
kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe.
Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho;
ushizwe hejuru nk’uganza vyose.
Nimurondere Uhoraho n’inkomezi ziwe;
mwame murondera mu nyonga hiwe.
Fortalecidos na Palavra
A Palavra de Deus é viva e eficaz. Ela nos fortalece, nos guia e nos equipará para toda boa obra.
Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera, kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.
Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.
Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.
Promessas de força
Quando estou fraco, o Senhor me sustenta. Ele restaura minha alma, fortalece meu coração e guia meus passos.
Uhoraho akomeza intambuko
z’uwumwishimira;
naho yotsitara, ntazogwa hasi,
kuko Uhoraho amushigikije ukuboko kwiwe.
Agakiza k’abagororotsi kava k’Uhoraho;
ni we gihome kibakingira mu bihe vy’amagorwa.
Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse
kandi akiza abajanjaguritse imitima.
Uhoraho azokiza abasavyi biwe;
nta n’umwe mu bamuhungirako azotsindwa n’urubanza.
Nimukomere mureme mu mitima,
yemwe mwese abizigira Uhoraho.
Ntibaronse igihugu kubera inkota yabo,
kandi ntibanesheje kubera amaboko yabo;
kwari ukuboko kwawe kw’i buryo, ukuboko kwawe,
n’umuco wo mu nyonga hawe, kuko wabakunze.
Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,
mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;
kuko uri igihome kinkingira,
ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.
Ni wewe nkomezi zanje, ndakuririmbira ishimwe;
Mana, wewe uri igihome kinkingira,
Imana yanje nizigira.
Kuva mu buto bwanje, Mana, waranyigishije,
kugeza uwu musi ndacamenyekanisha ibihambaye wakoze.
No mu gihe c’ubusaza bwanje maze kumera imvi,
ntuze umpebe, Mana yanje,
kugeza menyesheje ubushobozi bwawe abo mu runganwe ruzoza,
ibikorwa vy’inkomezi wakoze kubazovuka hanyuma.
Naho wandetse ngo mbone amarushwa,
menshi kandi arura,
uzosubira kunsubizamwo intege;
uzonkura i bwina mw’isi
wongere ungarukane hejuru.
Uzokwongereza icubahiro canje
wongere kundemesha.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Perseverança e vitória
Se Deus é por nós, quem será contra nós? A Palavra da cruz é poder de Deus para os que são salvos.
Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?
Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.
Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.
Hahiriwe abafise inkomezi muri wewe,
imitima yabo yama yiteguye kuja mu rugendo ruja i Siyoni.
Bagenda biyubura mu nkomezi nsha,
kugeza umwe wese ashitse imbere y’Imana i Siyoni.
Aho nari nuzuye umubabaro,
uguhumurizwa kwawe kwanzaniye umunezero.
Umutima wanje uremerewe n’umubabaro;
nkomeza nk’uko ijambo ryawe ryavuze.
Ikindemesha mu mubabaro wanje ni iki:
Isezerano ryawe rizigama ubugingo bwanje.
Naho ngendera hagati y’amarushwa,
uzigama ubugingo bwanje;
uramvurira ukuboko kwawe kugwanya abangwanya;
unkirisha ukuboko kwawe kw’i buryo.
Iyo impwemu yanje icikiye intege muri jewe,
ni wewe urinda inzira yanje.
Mu nzira ngenderamwo
abantu banteze umutego.
Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo,
ariko tweho twizigira izina ry’Uhoraho Imana yacu.
Umwami anezerererwa inkomezi zawe, ewe Uhoraho.
Ese ingene umunezero wiwe ari mwinshi ku bw’intsinzi nyinshi umuha!
Mu kanwa k’abana bato n’inzoya
ni ho washinze igihome gikinga abansi bawe,
ngo uzibe akanwa k’abansi bakugwanya.
Em todo tempo
O Senhor fortalece de manhã à noite, do berço à velhice. Nenhum obstáculo é grande demais quando Deus é nossa força.
Uhoraho Nyeninganji ni we nkomezi zanje;
akomeza ibirenge vyanje nk’ivy’ingeregere,
anshoboza kugendera ku dutwe tw’imisozi.
‘Ewe, Uhoraho Nyeninganji, waremye ijuru n’isi ubiremesheje ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi, nta na kimwe kikunanira.
Nuko rero uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze:
Kubera ko abantu bavuze ayo majambo,
nzohindura amajambo yanje ari mu kanwa kawe acike umuriro
aba bantu na bo babe nk’inkwi zo gutongorwa n’uwo muriro.
Nzobaha inkomezi zivuye k’Uhoraho
kandi mw’izina ryiwe bazobaho mu mutekano,"
ni ko Uhoraho avuze.
Nuko aca ambwira ati: "Iri ni ijambo ry’Uhoraho utumwe kubwira Zerubabeli uti: ‘Si ku bw’inkomezi canke ku bw’ubushobozi, ariko ni ku bwa Mpwemu wanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.
Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, ubwenge bwawe bwose n’inkomezi zawe zose.’
Dawidi aja mu kaga gakomeye, kuko abantu bari bababajwe cane no kubura abahungu babo n’abakobwa babo, hanyuma batangura kuvugana ko bomwicisha amabuye. Ariko Dawidi aremeshwa n’inkomezi ziva k’Uhoraho Imana yiwe.
Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.
Kuko Imana atawe
iheba burundu.
Naho ateza umubabaro, azogira ikigongwe,
urukundo rwiwe rwinshi rwamaho.
Kuko atazana imibabaro abishaka
canke ngo ababaze umuntu n’umwe.