Homem de Deus
O homem de Deus é aquele que busca a justiça, a piedade, a fé e o amor. A Bíblia apresenta modelos de homens íntegros que andaram com Deus e marcaram a história.
Características do homem de Deus
O homem de Deus foge das paixões e segue a justiça, a piedade, a fé, o amor, a perseverança e a mansidão.
Impanuro ya nyuma
Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.
Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo, mu buryo ubayeho, mu rukundo, mu kwizera, no mu kwezwa.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo. Ivyo mukora vyose mubikore mu rukundo.
Yewe muntu, yarakweretse iciza ico ari co.
Mbega hari ikindi Uhoraho akugombako?
Ni ugukora ibigororotse, gukunda imbabazi,
no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.
Exemplos bíblicos
Noé era justo e íntegro entre seus contemporâneos. Jó era homem reto que temia a Deus e se desviava do mal.
Inkuru ya Nowa
Iyi ni yo nkuru ya Nowa n’umuryango wiwe.
Nowa yari umugororotsi, ni we muntu wenyene yaba kw’isi muri ico gihe atagira umugayo kandi yagendana n’Imana.
Ijambo ry’intangamarara
Mu gihugu citwa Uzi habaye umugabo yitwa Yobu. Yari umugororotsi atagira umugayo, yubaha Imana kandi yagendera kure y’ikibi cose.
Imana yatumye umuntu yitwa Yohana, aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.
Ubwenge bwama buri hafi y’umunyabwenge,
ariko igipfu kija kuburonderera ku mpera z’isi.
Viver como filho de Deus
Quem faz a vontade de Deus é eleito. Medite na Palavra e ande nos caminhos do Senhor como verdadeiro discípulo.
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Nzokuronderana umutima wanje wose;
ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.
Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje
kugira ngo sindagucumureko.
Uhimbazwe, Uhoraho;
unyigishe ivyo wihanikirije.
Iminwa yanje isubiramwo
ivyagezwe vyose biva mu kanwa kawe.
Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinze
nk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.
Jewe ndimbura ivyo wihanikirije
kandi nshira umutima ku nzira zawe.
Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;
sinzokengera ijambo ryawe.
Gimeli
Hahiriwe umuntu
adakurikiza impanuro z’abanyakibi,
ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,
canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,
akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.
Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi,
kikama mu gihe caco,
kandi amababi yaco ntiyuma.
Ico akoze cose kiratera imbere.
Ariko abanyakibi si ko bameze!
Bo bameze nk’umuguruka
utumurwa n’umuyaga.
Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza,
canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.
Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi,
ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.
Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.