Pular para o conteúdo
Publicidade

Língua

Por Bíblia Online

A língua tem poder de vida e de morte. A Bíblia compara a língua ao leme de um navio e à faísca que incendeia uma floresta. Dominar a língua é prova de maturidade espiritual.

O poder da língua

A morte e a vida estão no poder da língua. Quem a domina é varão perfeito, capaz de controlar todo o corpo.

Ururimi rufise ububasha bwo kwica no gukiza,

kandi abakunda kuvuga bazorya ivyamwa vyarwo.

Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.

Iyo dushize umugozi mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atuyoboke, dushobora kwerekeza imibiri yayo yose iyo dushaka. Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka. Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akariro gake. N’ururimi na rwo rumeze nk’umuriro; ni nk’isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rushobora kwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.

Ibikoko vy’ubwoko bwose, inyoni, ibikwega inda hasi n’ibiba mu biyaga umuntu ashobora kubiganza kandi yarabiganje koko, ariko nta muntu ashobora kuganza neza ururimi rwiwe. Ni ikibi kitaruhuka, cuzuye ubumara bwica.

Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana. Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera. Mbega mw’isoko imwe hovamwo amazi meza n’ayandi arura? Bene Data, mbega umusukoni wokwama ivyamwa vya elayo, canke uruzabibu rwokwama insukoni? Ntibishoboka, uko ni ko n’isoko y’amazi arura idashobora kuvamwo amazi meza.

Palavras sábias

A língua branda quebra até ossos. A palavra certa no tempo certo é como maçãs de ouro em salvas de prata.

Ukwihangana bigondoza umutware,

kandi ururimi rwiyoroheje rushobora kuvuna igufa.

Amajambo y’imvuzi acumitana nk’inkota

ariko ururimi rw’umunyabwenge rurakiza.

Amajambo y’ukuri yamaho ibihe vyose,

ariko ikiyoma kimara umwanya muto.

Iyo amajambo abaye menshi, n’icaha kiba kiri hafi,

ariko uwugumya ururimi ni umunyabwenge.

N’igipfu iyo cinumiye ciyumvirwa ko ari umunyabwenge,

kandi iyo kigumije ururimi bavuga ko gifise ugutahura.

Disciplinar a fala

Quem guarda a boca e a língua guarda a sua alma de angústias. A religião sem controle da língua é vã.

Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.

Naravuze nti: "Nzocungera inzira zanje

ndinde ururimi rwanje icaha;

nzoshira umurinzi ku munwa wanje

ndi imbere y’umunyakibi."

Umuntu wese akunda ubugingo

akipfuza kubona imisi myiza myinshi,

aze arinde ururimi rwiwe ikibi

n’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.

Akanwa k’umugororotsi katura ivy’ubwenge,

n’ururimi rwiwe ruvuga ibitunganye.

Ivyagezwe vy’Imana yiwe biri mu mutima wiwe,

ibirenge vyiwe ntibizonyerera.

Ururimi rwanje ruzokwamamaza ukugororoka kwawe,

n’amashimwe yawe burinde bwira.

Ijambo ritarashika ku rurimi rwanje

wewe, Uhoraho, uba warimenye ido n’ido.

Nkiza, ewe Uhoraho,

iminwa ibesha

n’indimi z’ibinyoma.

Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendana

n’ururimi rwose rwishira hejuru.

Bavuga bati:

"Tuzotsinda ku bw’indimi zacu;

iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?"

Ewe Mana, maramaza abanyakibi, amajambo yabo anyurane,

kuko mbona umuryano n’intambara mu gisagara.

Toda língua confessará

Ao nome de Jesus todo joelho se dobrará e toda língua confessará que Jesus Cristo é Senhor, para glória de Deus Pai.

Ni co catumye Imana imushira hejuru cane,

imuha izina rirengeye ayandi mazina yose

kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame,

ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ayivy’i kuzimu,

kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,

kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.

Naho novuga indimi z’abantu n’izabamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana.

Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze. Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza."

Maze Uhoraho amanukanwa no kuraba ico gisagara n’umunara abo bantu bariko barubaka. Aravuga ati: "Aba bantu bagiye hamwe kandi bavuga ururimi rumwe. Ko batanguye gukora ibi, nta kintu na kimwe bazoshaka gukora kizobananira. Reka tumanuke dutume haba indimi nyinshi, maze bazazanirwe vyanke ko bumvikana."

Uko ni ko Uhoraho yabashwiragirije kw’isi yose, bituma batabandanya kwubaka ca gisagara. Ni co gituma ico gisagara ciswe Babeli, kuko aho ni ho Uhoraho yateye abantu kuzazanirwa kubera indimi nyinshi, maze abashwiragiza kw’isi yose.

Seja o primeiro

Este artigo te tocou? Faça uma oração!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.