Marido e mulher
O casamento é aliança sagrada entre marido e mulher, instituída por Deus desde o Éden. A Bíblia define papéis complementares fundados em amor, respeito e fidelidade mútua.
Instituição divina
Deus criou homem e mulher e os uniu em uma só carne. O casamento é projeto divino que reflete o amor de Cristo pela Igreja.
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Yesu arabishura ati: "Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore, hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’ Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
Mbega Imana ntiyari yabagize umwe n’abagore banyu? Mu mpwemu no mu mubiri muri abiwe. Kandi ico abipfuzako ni iki? Ashaka ko muvyara abana bamwubaha. Nuko rero nimwirinde mugume mw’isezerano mwagiranye n’abagore bo mu buto bwanyu.
Papéis no casamento
O marido ama e a mulher respeita. Ambos se submetem voluntariamente a Deus e um ao outro, em parceria e unidade.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana. Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo. Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,
Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu. Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo. Nuko rero nk’uko ishengero ryubaha Kristo, ni ko n’abagore bakwiye kwubaha abagabo babo muri vyose.
Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.
Uko Umukristo akwiye kubana n’abandi
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
Abagore n’abagabo
Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa, babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu.
Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.
Fidelidade e união
O casamento é honroso e deve ser preservado com fidelidade. O cordão de três dobras não se rompe facilmente.
Babiri baruta umwe,
kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:
Umwe atemvye,
mugenziwe ashobora kumuvyura.
Ariko haragowe umuntu atemba
ntagire n’umwe wo kumuvyura!
Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka.
Ariko umwe yosusuruka ate?
Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,
babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho
kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.
Umugore w’imico myiza yova hehe?
Asumba utubuye tw’agaciro.
Umugabo wiwe aramwizigira cane,
kandi nta c’agaciro amuburana.
Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,
kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.
Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,
ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.
Umugore w’ingeso nziza ni urugori rw’umugabo wiwe,
ariko umugore w’isoni nke ni nk’ingwara idakira mu magufa y’umugabo wiwe.
Isoko ryawe riragahezagirwa,
nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.
Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.
Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,
kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.
Permanecer juntos
O que Deus uniu, o homem não separe. A Bíblia protege o casamento e orienta sobre convivência, perdão e perseverança conjugal.
Ibijanye n’amabanga y’abubatse
Ku bijanye n’ivyo mwambajije mw’ikete mwanyandikiye, ni vyiza ko umuntu atorongora. Ariko kubera ubusambanyi ari bwinshi, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi n’umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe. Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza. Ntihakagire uwanka kurangura amabanga y’abubatse n’uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mugaca musubira kubana bisanzwe kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukunanirwa kuganza imibiri yanyu.
Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe. Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.
Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kuvana n’uwo bubakanye yizera, amureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe kuri uwo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro. Mbega wa mugore we, ni igiki kikwemeza ko umugabo wawe azokizwa kubera wewe? Canke wa mugabo we, ni igiki kikwemeza ko umugore wawe azokizwa kubera wewe?
Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko.
Umugabo aherutse kurongora ntazorungikwe ku rugamba, canke ngo azezwe ibindi bikorwa. Aze ahabwe akaruhuko amare umwaka wose abana n’umugore wiwe yarongoye kugira ngo amunezereze.