Publicidade

Medo da morte

Por Bíblia Online

O medo da morte é universal, mas Cristo o venceu. A Bíblia ensina que para quem crê, a morte perdeu o aguilhão — não é mais motivo de terror, mas porta para a eternidade com Deus.

Cristo venceu a morte

Jesus assumiu carne e sangue para, pela morte, destruir o que tinha o poder da morte e libertar os que viviam em escravidão pelo medo dela.

Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani. Ubu ni bwo buryo bwonyene yari gushobora kubohora abantu bari babayeho ubuzima bwabo bwose nk’abagurano kubera gutinya urupfu.

Maze uwu mubiri ubora umaze kwambara ukutabora, n’ugupfa kwawo kukambara ukudapfa, ni ho ibi vyanditswe bizoba bishitse, ngo: "Urupfu rwamizwe n’intsinzi."

"Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?

Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?"

Kuko icaha ni uruboyi ruzana urupfu, kandi ubushobozi bw’icaha buri mu vyagezwe. Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.

Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe.

A promessa da vida eterna

Quem ouve a Palavra e crê já passou da morte para a vida. O amor perfeito lança fora o medo, até o medo da morte.

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.

Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa."

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.

Não temas

Jesus disse: não temais os que matam o corpo. No vale da sombra da morte, o Senhor está conosco como pastor e protetor.

Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.

Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,

sinzogira ikibi ntinya,

kuko uri kumwe nanje;

inkoni yawe n’ubuhiri bwawe

ni vyo binkingira bikampumuriza.

Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."

Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.

Abagendera mu kugororoka

bashikira mu mahoro,

bararuhuka basinziriye itiro ry’urupfu.

Kuko "Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa."

Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose;

dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa."

Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze. Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-