Pular para o conteúdo
Publicidade

Mulher

Por Bíblia Online

A Bíblia celebra a mulher como obra-prima da criação divina. Ela é elogiada por sua sabedoria, força, beleza interior e papel fundamental na família e na sociedade.

A mulher na criação

Deus criou o homem e a mulher à sua imagem. A mulher foi formada como ajudadora idônea — parceira de igual dignidade e valor.

Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.

Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;

ibarema ari umugabo n’umugore.

Nuko Uhoraho Imana asinziriza wa muntu ubutikoma. Agisinziriye, amukuramwo urubavu rumwe, maze muri ico kibanza ruvuyemwo ahuzuza inyama. Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.

Wa mugabo aca aravuga ati:

"Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,

ni agace k’umubiri wanje!

Azokwitwa umugore

kuko yakuwe mu mugabo."

Virtude e caráter

A beleza é vã e a formosura passageira, mas a mulher que teme ao Senhor é digna de louvor. Seu caráter é seu maior tesouro.

Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.

Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.

Umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe,

ariko uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe.

Umugore w’ingeso nziza ni urugori rw’umugabo wiwe,

ariko umugore w’isoni nke ni nk’ingwara idakira mu magufa y’umugabo wiwe.

Umugore w’umugwaneza arubahwa,

ariko abagabo b’ibirara ico bunguka ni ubutunzi gusa.

Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,

ariko umugore w’ubwenge atangwa nUhoraho.

Kwibera mu bugaragwa biruta kubana n’umugore atongana,

yuzuye imyidodombo.

None rero, mukobwa wanje, ntutinye. Nzokora ivyo wasavye vyose. Abagabo bagenzanje bo mu gisagara bose barazi ko uri umugore w’imico myiza.

Sabedoria e serviço

As mulheres da Bíblia foram líderes, profetisas e discípulas fiéis. Jesus honrou as mulheres e as incluiu em seu ministério.

Umugani w’umubivyi

Hanyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we, hamwe n’abagore yabohoye baboshwe n’impwemu mbi, akabakiza n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi, Yowana muka Kuza; umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.

Abagore n’abagabo

Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,

Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.

Abagore na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.

Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza. Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo, kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.

Seja o primeiro